Burundi : Bane muri cumi bankiwe kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 ntwarante 2020, umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI washize ahabona ivyavuye mw’isuzumwa ry’amadosiye y’abasavye kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu amatora azoba kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020.

Muri cumi bari batanze amadoyiye,

  1. Domitien Ndayizeye yatanzwe n’urunani Kira Burundi.
  2. Valentin Kavakure yatanzwe na FPN
  3. Jacques Bigirimana yatanzwe na FNL;
  4. Anicet Niyonkuru yatanzwe na CDP

Ntibashoboye kwemererwa kwiyamamaza hanyuma;

  1. Francis Rohero, yigenga;
  2. Dieudonné Nahimana, yigenga.
  3. Evariste Ndayishimiye yatanzwe na CNDD-FDD;
  4. Agaton Rwasa yatanzwe na CNL;
  5. Gaston Sindimwo yatanzwe na UPRONA;
  6. Léonce Ngendakumana yatanzwe na SAHWANYA FRODEBU

Bakanaba aribo bemerewe kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Twobamenyeshako abaserukira imigambwe CNDD na FRODEBU Nyakuri bamenyeshejeko batazoja mumatora y’umukuru w’igihugu ariko ko biteguriye kwitoza muyo abashingamateka.