#Burundi: Mugamba, abapolisi n’abasoda bishe umuntu, abandi nenshi babatwara ahatazwi.

Umuntu azwi kw’izina rya Niyongabo, wo kumutumba Gakaranka, zone kivumu komine Mugamba mu ntara ya Bururi yagandaguwe aca arahambwa n’abapolisi,abasoda be n’abakozi bo mw’iperereza kuri uno wa mbere igenekerezo rya 09 ntwarante 2020

Nk’uko amakuru adushikira abivuga, Abakizi b’iperereza ry’i Makamba, bafadikanije n’abapolisi b’i Bururi hamwe n’abo kw’ikomine Mugamba bafadikanije n’abasoda bari kukirindiro c’i Gatwe muri komine Mugamba nyene baraye ku musozi Gakaranka baraririye urugo rw’uwitwa Niyondiko bamuraririye, abandi baporisi babasangayo mugatondo kare uyu musi wambere.

Uyo Niyondiko,bivugwako yari mubiyamirije ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza baciye bamusanga munzu baramwica bakoresheje inkoho, baciye bategeka abaraho kuja kumuhamba batwara n’abandi banyagihugu batari bake. Umukozi w’uwitwa Niyongabo n’uwuwo Niyongabo bishe, umupfasoni yitwa Gaudence afise umugabo yitwa Kameya, n’abandi benshi igitiri tukaba tutashoboye kukimenya. Bikavugwako bagenda baregeranya munzira abo batwara harimwo uwitwa Karekezi w’i Nyagasasa, umuhungu yitwa Toto mwene Benoît n’abandi.

Bikavugwako hakoreshejwe imodoka zifise amaparati akurikira: A 454 A PNB, A 322 A PNB, A 402 A PNB, na C 448 A IT.

Tubamenyesheko atamisi iheze muri komine Nyabiraba yo muri Bujumbura rural haturatujwe imiryango yo mu bwoko bw’abatutsi ngo bave mumatongo yabo atakindi bazira atari ubwoko. Abanyagihugu baho bakaba basigaranye ubwoba ko ihonyabwoko ritanguye.