Burundi: Birihuta! Umushingamateka Agathon Rwasa ahejeje kuva mugacerere.

Mugihe amatora y’abahanuzi bo kumitumba n’ama karitiye ariyo asozera amatora ya 2020 buca aba, uruhigi rw’indongozi n’abanywanyi b’umugambwe CNL rukaba rubandanya, umushingamateka Aghaton Rwasa ahejeje gusohora itangazo k’ur’uyu wa kane igenekerezo rya 23 mukakaro 2020.

« Kuba umugambwe CNL warituye sentare yubahiriza ibwirizwanshingiro kumanyanga yaranze amatora yo kuwa 20 rusama 2020, iyo sentare igasohora ingingo itatunyura, ntibiha uburenganzira umuntu numwe kwita indongozi, abanywanyi n’abakunzi ba CNL « Abansi b’igihugu« . N’itegeko rigenga amatora ya 2020 rirabivuga ».

Amajambo amwe duSAnga mur’iryo tangazo.

Umushingamateka Aghaton Rwasa aserukira imbere y’amategeko umugambwe CNL yamenyesheje mur’iryo tangazo ko hari abariko batera ubwoba abarundi bavugako hari umuhari witwaje ibigwanisho w’uwo mugambwe kugira babandanye baronka urwitwazo rwo kubatoteza. Arahakanako atamurwi n’umwe ufise ibigwanisho ugwanya reta ucuditse na CNL

Asaba reta kurekura abapfungiwe ivyiyumviro vyabo atagisabwe, abarundi bakidegemvya nk’uko amategeko abivuga ,akamenyeshako umugambwe wiwe wiyemeje kubandanya amatora gushika aheze yose naho abanywanyi biwe baguma batotezwa.

Ivyo bikaba bibaye mugihe havugwa ko abitoje muri CNL hirya no hino na cane cane mugisagara ca Bujumbura bagire bafatwe n’iperereza kubwishi kugira amatora yanyuma ya 2020 azobe bari mubwoba ntihagire abazotora umugambwe CNL.

Itangazo rya CNL turarishira kur’ubuga rw’igifaransa mufyonde ngaha