Burundi: Ibihugu vya rutura bibandanya bitera ivyatsi ingingo ya reta y’uburundi yo kwugara ibiro vya ONU bijejwe guharanira agateka ka zina muntu.

Mu kwezi guheze igihugu ca Suède casavye reta y’uburundi gukorana neza n’ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu  #OHCHR , kubera ari inkingi yo gutohoza no guteza imbere igisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe no gusubira kwemerera amashirahamwe mpuzamakungu gukorera mu Burundi.

Reta zunze ubumwe za amerika nazo nyene ziherutse menyesha ko zihagaritswe umutima n’iyo ngingo yafashwe na reta y’uburundi yo kwugara ivyo  ibiro aho zimenyeshako reta yemeye gukorana neza n’uwo murwi ariho yokwerekana neza ko atagateka ka zina muntu katariko karahungabanywa.

Canada ya nayo imenyeshako yabonyeko ivyo biro bijejwe agateka ka zina muntu(#OHCHR) vyahora bifise uruhara rukomeye muguterera no gutsimbataza  igisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi kandi cari icanzo gikomeye muvyerekeye imigenderanire y’uburundi n’amakungu.

Kur’ubuga rwayo rwa tweeter @CanadaauBurundi, aho twakuye ayo makuru, ubuserukizi bwa Canada mu Burundi bwavye  reta y’uburundi kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 21 kigarama 2018 gutanga umuco kubiriko biravurwa mu Burundi vyo guhungabanya agateka ka zina muntu n’uruhagarara rwa politike hanyuma yongere yemere gukorana n’ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu.

Tubamenyesheko reta y’uburundi yugaye ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi kuva kuwa gatatu  igenekerezo rya 5 kigarama 2018.

Iyo ngingo ikaba yafashwe  inyuma yaho intwaro ya Petero Nkurunziza ibicishije mu nama nkuru y’umutekano yugariye amashirahamwe mpuzamakungu yose akorera mu Burundi aho yahawe amezi atatu yo kugira abe yasubiye gusaba uruhusha rwo gukorera muburundi akurikije amategeko agezweho kuva igenekerezo rya 01-10-2018 kuzoshika 31-12-2018 .

Amashirahamwe amwe amwamwe nka World Vision, CRS,… yarasubiriye kwemererwa ayandi nayo nka Avocats Sans Frontières(ASF), Médecins Sans Frontière(MSF),… abandanya amenyeshako azova mu Burundi kubera ivyo asabwa binyuranye n’akaranga mutima kayo.

#