Burundi : Ibikorwa vyo kuvugana ukuri no kurekuriranira bibonwa gute ? Igice ca gatatu

Kw’igenekerezo rya 13 ntwarante 2020 umumenyeshamakuru Kenney Claude, asanzwe azwi mumajambo yo kubiba amacakubiri, aho avugako abatutsi ari imbwa, abanyamahanga bene ruhinda, abasavyi b’indaro n’ayandi majambo, urwego rwo kumenyeshamakuru CNC ruheruka kwiyamirizako rutamuzi ariko akabandanya yidegemvya, vyarashitse aratumira umwe mubo yirirwa aratuka mukiganiro camaze amasaha arenga abiri mumutekano ntangere ariko ntiyigeze cabaye akamizwe n’ingoma.

Igice ca gatatu c’ikiganiro Kenney Claude yagiraniye na Pacifique Nininahazwe kw’igenekerezo rya 13 ntwarante 2020.

 Kenney Claude Nduwimana yari yaraye ashinze umugwi wa Whatsapp witwa « KAHISE KACU » aca atumira Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE, kugira abarimwo bumve aho ahagaze kuvyariko bikorwa n’umugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, CVR, vyo kuzura ibisigarira vy’abantu bahambwe mubinogo rusangi mu gihigu cose.

Kenney Claude amaze kwumva ico kiganiro twarararindiriyeko agicisha aho ahora acisha ibindi turahebura, kikaba ari kimwe cokwemezako Kenney Claude yoba yari umukozi wo mwibanga wa CVR, aho binavugwako yoba yari mubandi bamenyeshamakuru 40 bakorana n’uwo mugwi.

Mushobora gukurikirana ikiganiro Tuyage Pacifique Nininahazwe acisha kumuhora wiwe wa Youtube kirimwo ivyakurikiye, aho Kenney Claude Nduwimana yabandanya atumira Pacifique Nininahazwe, bikabandanya vyerekanako Kenney Claude Nduwimana ari umumenyeshamakuru afise aho yoba atanga amakuru agashikiriza ivyo bashaka gusa.

<iframe width="560" height="315" src="https://www.youtube.com/embed/grWiiLhrmBg" frameborder="0" allow="accelerometer; autoplay; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture" allowfullscreen></iframe>