Kur’uyu wa 29 kigarama 2020 niho hashingurwa ivy’imfatakibanza uwahoze atwara uburundi Petero Buyoya mugihugu ca Mali, reta y’uburundi ikaba itarungitseyo intumwa.
Uwahoze atwara uburundi Petero Buyoya akaba yitavye Imana kw’ige’ekerezo rya 18 kigarama aho yari yajanywe mu bufaransa kwivuza ikiza ca COVID19. Akaba yashingiwe uno munsi mu gihugu ca Mali aho yahawe icubahiro n’abarongoye ico gihugu hamwe n’abategetsi b’ubumwe bwa Afrika hamwe n’abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mvamakungu muri Mali ariko bikavurwako atantumwa ya Reta y’uburundi yahashitse.
Nubwo biruko, uwahoze atwara uburundi Hon Domitien Ndayizeye, abahoze ari ivyegera vy’umukuru w’igihugu Yves Sahinguvu na Gaston Sindimwo, abahoze ari abashikiranganji bambere Adrien Sibomana na Anatole Kanyenkiko hamwe n’abahoze ari abashikiranganji kuntwaro ya Petero Buyoya bakaba bitavye imisa yo gusabira uwo muhisi yabereye kuri Cathédrale Regina Mundi i Bujumbura.
Imisa yakurikiwe n’ibirori vyo guca kumazi vyabereye kuri la Detente hamwe no gukurikirana ikibiriraho ibirori vyo gushingura umuhisi Petero Buyoya, aho hose reta y’uburundi ikaba itarungitse intuma ndetse akaba atanitangazo rihoza umuryango w’uw’umuhisi rirasohoka.