Burundi : Gukwiragiza abakozi ba reta no guhindura reta : Umutego uhanze reta irongowe na Gen Evariste Ndayishimiye.

Uyu mwaka wa 2020 ugiye kurangira reta irongowe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu akaba n’ umukuru w’umugambwe #CNDDFDD ihanzwe no kugomba guhindura abashikiranganji hamwe no gukwiragiza abakozi ba reta aho batari na cane cane abigisha kugira akazi umukuru w’igihugu yemereye urwaruka kaboneke agarukane n’icizere mumakungu.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako mumisi iza hagiye guhindurwa abashikiranganji muntumbero yo kwikurako aboba babangamiye umukuru w’igihugu hamwe no gushiramwo abatavuga rumwe na reta muntumbero yo gutuma uburundi busubira kwemerwa mu makungu.
Umugambi wo gukurako agashambara bamwe bamwe mubihangange bitumvikana n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye woba uza waratanguye nka Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wambere na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika , umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano hamwe n’iterambere ridakumira.
Uyu wanyuma akaba amaze imisi ashirwa mumajwi n’uwitwa Alexis Harimenshi aho amwagiriza co kimwe n’izindi nzego zomu ntwaro ko bivanga muvy’itunganywa ry’ishengero ry’abasabato rimaze imyaka mundyane, imvugo akoresha bikavugwako hari abari inyuma yiwe muntumbero yo gutegura abanyagihugu mu mitwe kugira ntibazotangare babonye reta ihindutse.
Ikindi kiriko kiravugwa ni ugusubira gukwiragiza abakozi aho batari hakurikijwe ivyavuye muri rusansuma ruheruka gukorwa mubakozi ba reta, ivyo bigashobora kuba guhera mukwakabiri 2021 inyuma yo gusuzuma uko gukwiragiza abigisha vyagenze n’ingarukambi vyateye, raporo ishobora kuzotangwa mukwambere.
Reta y’uburundi ikaba n’ubu itaraheza kwubakwa kuva Petero Nkurunziza apfuye giturumbura mukwa gatandatu 2020. Bikaba bivugwako umugambwe waciye wigaburamwo kubiri mw’ibanga ntangere aho hari abakibandanya bitwara nk’abarongowe na Petero Nkurunziza n’abandi bashaka kuvyura umutwe kubera begereye cane umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.
Ivyo bigatuma benshi mubakozi ba reta bakorana ubwoba bwo gukurwa mubibanza umwanya n’umwanya bivanye n’ukuntu umukuru w’igihugu yavuzeko agiye kugwiza akazi kurwaruka nabo bakicurako atahandi atari mur’ivyo bibanza bahoramwo.
Uwo mugambi wo guhundura reta no gukwiragiza abakozi aho batari bika bihanze inzego zirongoye igihugu n’umugambwe CNDDFDD aho hanavugwa amanama asigaye aba mwijoro akoreshwa imbonerakure, atabapolisi bakiri mw’ibarabara( Imwe mur’izo nama bikavugwako yabaye mundwi zibiri ziheze ikabera mungoro y’umugambwe CNDDFDD i Bujumbura sacenda zijoro) ayandi manama bikavugwako akoreshwa abanyamugambwe badafise incuti z’abatutsi akabera mukinyegero.