Burundi: Ikiganiro cerekana amahinyu yaranze urubanza rwaciriwe abaharanira agateka ka zina muntu

Kuri uyu wa 2 Ndamukiza 2021, abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru uko baciriwe urubanza ari 12 na sentare ntahinyuzwa y’uburundi baratanze ikiganiro kubamenyeshamakuru.

Murico kiganiro cabereye kurubuga ngurukana bumenyi rwa Zoom abashingwamanza, Vital Nshimirimana , Armel Niyongere na Dieudonné Bashirahishize barerekanye ayo uwo mugwi uhagaze hamwe n’amahinyu yaranze uwo rubanza.

Amajwi y’ico kiganiro co kuwa 02 ndamukiza 2021

Amwe mumahinyu bavuze har’uko sentare yaciye urubanza itari ifise ububansha bwo kuburanisha urwo rubanza, bavuzeko bose bari abanyagihugu basanzwe mugihe igisata ca sentare ntahinyunzwa caruciye kiburanisha gusa abafise ubudahangagwa: Abashingamateka, abashikiranganji, umukuru w’igihugu,….mugihe bavugako n’abasoda bakuru bobaye berwa n’ico gisata rwabaye barirukanywe.

Ikindi bakavugako banyegejwe dosiye y’ivyo bagirizwa gushika n’aho batuma umurwi CNIDH ujejewe agateka ka zina muntu ukananirwa kuronka ibiri muri dossier ibagiriza, bakavugako atanahamwe kw’isi barumva urubanza nk’urwo.

Nk’uko mwavyumvirije mur’ayo majwi, ubutungane butigenga bishobora gukwegera igihugu aho abozanye imitahe bashobora gutinyako barenganijwe batazoronka uwubatunganiriza.