Munama nshikiranganji yo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 11 ruhenshi 2020, inyuma yo kwiga ikibazo nyamukuru c’isubirizwa rya Nyakwigendera Petero Nkurunziza, abashikiranganji bashinze uko ikigandaro cashinzwe c’imisi 7 kizogenda.
Irongowe n’icegera cambere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, inama nshikiranganji yakoranye uno munsi ishingako ivyegera vy’umukuru w’igihugu bandikira sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira yemezeko uburundi butagira umukuru w’igihugu, ivyaciye bikorwa nk’uko itangazo ryasohowe n’umuvugizi wa reta ryabivuze. Abashikiranganji mu tuntu n’utundi barabiye hamwe uko ikigandaro c’imisi 7 yikigandaro cashinzwe cogenda.
Mur’iyo minsi 7 batanguye kuwambere igenekerezo rya 9 ruheshi kikazoshika kuwa 15 ruheshi 2020 ibikorwa bizobandanya ukuri kwamye ariko imiziki yo mubunywero, mu butambiro hamwe n’ivyitwa ama Karaokés bikaba bihagaritswe.
Tubamyesheko buramatari w’intara ya Gitega n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura aribo twamenye bari bamaze gufata ingingo zikomeye kurusha ivyo inama nshikiranganji yavuze aho babujije n’abavuza imiziki hose ndetse n’abasanzwe badandaza imiziki atar’indirimbo z’Imana nk’i Gitega n’i Bujumbura bakaba batavyemerewe.