Burundi : « Petero Nkurunziza na Évariste ndayishimiye ntibahuriza kw’ibwirizwa rihamagaza amatora »

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yateye umukono kw’ibwirizwa N°100/030  ryo kuwa 20 ruhuhuma 2020 rihamagaza amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abahanuzi b’amakomine n’abakenguzamateka harimwo ingingo zemera ko haba abazokwitoza murutonde rwugaye, ivyo Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe CNDDFDD mu matora y’umukuru w’igihugu amaze imisi yiyamiriza.

Mur’iryo bwirizwa risaba abashaka kwitoza mu bibanza vy’umukuru w’igihugu n’abajenama ba komine gutanga amadosiye yabo kuva kw’igenekerezo rya 25 ruhuhuma gushika 5 ntwarante 2020, abanshingamateka bakazogeza kw’igenekerezo rya 10 ntwarante 2020  hanyuma abakenguzamateka kuva kw’igenekerezo rya 27 rusama 2020 mu mugwi wigenga ujejwe amatora CENI.

Amatora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’abajenama b’amakomine azobera umusi umwe kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020 ariko bishitse mukibanza c’umukuru w’igihugu bakanganya ari babiri canke ntihagire uwukwiza amajwi asabwa hazoca haba amatora agira kabiri kw’igenekerezo rya 19 ruheshi 2020 azotunganywa na CENI nyene. Amatora y’abakenguzamateka azoba kw’igenekerezo 20 mukakaro 2020 ku migwa mikuru y’intara batowe n’abazoba batowe mukibanza c’abajenama b’amakomine.

Ibindi vyibonekeza mur’iryo tegeko n’uko abarundi bari hanze bemerewe gutora bazotora umukuru w’igihugu n’abashingamateka gusa nimba atakwihenda kwabayemwo, kuc’abashingamateka bakazotora abo muntara bavuyemwo mu Burundi.

Kiretse ikibanza c’umukuru w’igihugu, ibindi bibanza bisigaye abazokwitoza bazoja kurutonde rwugaye ku migambwe ariko abigenga bobo bakazokwitoza kugiti cabo.

Igitigiri c’abashingamateka bazotorwa ni 100 ariko iryo tegeko riravugako hari abazova mubwoko bw’abatwa batazorinda gutorwa.

Twobamenyesha ko Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD aramaze imisi yigisha abanyamugambwe ko umuco wo kumenyera kwitoza ku ntonde zugaye ari ukuwusezerera aho avuga ngo “Ingumba irira ku mvyeyi” ivyo wewe yabonako iyo abantu batitoje baboneka haca hatorwa abataco baheza ngo bamarire umugambwe n’igihugu, “Abanyamafuti”.