Burundi: Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje uwusubirira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Mugihe haheze iminsi ine igihugu kitagira uwukiramutswa inyu y’urupfu w’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yamenyesheje kur’uyu wa 12 ruheshi 2020 ko Gen Maj Évariste Ndayishimiye yaheruka gutorwa ariwe aca amusubirira.

Inyuma yo kwiturwa n’ivyegera vy’umukuru w’igihugu ngo yemeze ko uburundi butagira uwuburongoye kuva Petero Nkurunziza ashengeye kw’igenekerezo rya 8 ruheshi 2020 i Karusi aho umutima wiwe wahagaze giturumbuka, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yamenyeshejo Gen Mjr Évariste Ndayishimiye batazira Neva yari yatowe mumatora yo kw’igenekerezo 20 rusama 2020 aba ariwe aca arahira bidatevye ko atantwaro mfatakinza idakenewe.

Ivyo vy’intwaro mfatakibanza bikaba vyari mw’ibwirizwa nshingiro ryo mumwaka wa 2018 eka n’irya 2005, yose yavuga mungingo ya 121 ko umukuru w’igihugu atanze imihoho canke apfuye haca hashingwa intwaro mfatakibanza irongorwa n’umukuru w’inama nshingamateka canke icegera c’umukuru w’igihugu be n’ugwego rw’abashikiranganji bagategura amatora.

Tubamenyesheko Évariste Ndayishimiye abagumyabanga b’umugambwe CNDDFDD bita SAMURARWA yorahiye kw’igenekerezo rya 20 myandagaro 2020 kandi ko ico iyo sentare ishinze atanumwe akivuguruza.