Burundi : Ubanze ufate imbavu imbere yo gusoma uko imbonerakure ziriko ziba amatora.

Kubiro bijejwe gutanga amakarata y’amatora biri muri komine n’intara ya Cankuzo, imbonerakure y’umugabwe CNDDFDD ejo kw’igenekerezo rya 11 rusama 2020 yaratwengeje abakozi bariko batanga amakarata y’amatora ya 2020 barengewe n’ubujuju yakiresheje.


Mu gihe abakozi ba CECI bivugwako atangingo nimwe yerekeye kubuza umugambwe CNDDFDD kwiba amatora bemerewe gufata aho bivugwako amategeko ava hejuru mu baba twara n’uko abenshi baba bari ku mugambwe uri ku butegetsi, haraje imbonerakure ifise uburangamuntu butatu ku mazina atandukanye biraheza bigenda uku gukurikira:

  • Abakozi ba CECI : « Duhe karangamuntu turabe ko ibiriko ko bihuye n’ivyanditswe »
  • Imbonerakure: « Mbabarira sinibuka ako nandikishije ngaha akariko kuko mfise karangamuntu zitatu, ahubwo mundabire izina gusa ».
  • Abakozi ba CECI: baramuraba mu maso baba baramurabiye ku ntonde bafise, bongera bamubaza bati:
    “Uvuka he?”
  • Imbonerakure:  Mubona handitse gute? 
  • Abakozi ba CECI : uba ahanaka?
  • Imbonerakure : Ni aho nyene nta erreur(bisigura ngo nta kosa ririmwo).

Ivyo bikaba bivugwa no muzindi ntara aho abanywanyi b’umugambwe CNDDFDD biyandikishije kumazina atandukanye iyo bavuka be n’iyo bakorera bakongera bagatora amakarata y’abatariho bari bakazoyakoresha mu gutora kenshi kw’igenekerezo rya 20/5/2020 bitwajeko bariko batorera ababatumye bari hanze.

Kur’ico c’abarundi bari hanze twobamamenyesha ko hari abashingamateka bo mugihigu c’ububiligi babiri bandikiye reta y’uburundi bayisaba gufuta ingingo ibuza abari hanze gutora ngo ni kubera ikiza ca COVID19. Bavugako ari kubima uburenganzira bwabo kandi ingingo zikwiye zokugwanya ico kiza zafashwe hirya no hino kwisi bitobuzako abarundi bari hanze biyandikishije batora. Mwibukeko twababwiyeko abari muri CNDDFDD bari hanze bobo bemerewe kurungika uburenganzira bwo gutorerwa(procurations) ariko bidaciye mu nyandiko zizwi.

Twobamenyeshako ivyo bintu abatari bake babona ko ari ubusuma bw’amatora buriko bukorwa na CNDDFDD biriko biraba mu gihe kw’igenekerezo rya 8 rusama 2020 umushikiranganji wo mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe afrika y’ubuseruko yandikiye umunyamabanga mukuru w’ako karere amumenyeshako umugwi washinzwe ngo uzoze gucungera amatora uzotegerezwa gushikira muri quarentaine(Ukwabonyene) ikiringo c’imisi 14 mu ntumbero yo gukinga CORONAVIRUS. Bikavugwako ari muntumbero yo kwanka abacungera amatora bavuye hanze kugira ntibabone amanyanga ariko arakorwa na CNDDFDD mu kwiba amajwi narirya iyo ngingo bayimenyeshejwe batevye atamisi irenga 14 isigaye kandi reta y’uburundi yaribiziko bazoza kuva kera.