#Burundi: Ico umugwi CENI udashakako abantu bamenya.

Philippe Nzobonariba avugira umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora aheruka kwigisha akoresheje amasanamu uko abantu bazotora kw’igenekerezo rya 20/5/2020 ariko hari ibintu atigera avuga.

Mugihe abantu bazobatora biyongereye tugereranije no mumatora yabaye mu yindi myaka kandi hazobera rimwe amatora atatu:

  1. Gutora umukuru w’igihugu
  2. Gutora abashingamateka
  3. Gutora abahanuzi b’amakomine

Hari ababonako umwanya wo gutora ushobora kuzoba muremure kw’igenekerezo rya 20/5/2020 kurusha ayandi matora yabaye mu yindi myaka.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye nawe aherutse kugabisha abazoshaka guteka « akajagari » mugihe umukuru w’umugambwe CNL utavuga rumwe na reta wewe abwira abanywanyi biwe ko bafise uburenganzira bwo gukurikirana amatora gushika bahejeje guharura amajwi.

Ingingo iri mw’itegeko rigenga amatora ya 2020 abajejwe CENI batigera babwira abazotora n’uko muguharura amajwi ubu bemerewe kwikorera amasandugu batoreyemwo bakayajana guharirira amajwi ahandi bipfuza kandi babona umutekano.

Kuronka icitwazo co kwuguruza amasandugu bikazoshobora kworoha narirya ibiro vy’amatora bitari bike vyashizwe ahatagira amatara, abajejwe gucungera amatora bagashobora kwimura amasandugu batoreyemwo ahari amatara. Ivyo bigashobora kuzoca bifasha umugambwe CNDDFDD kwiba amajwi narirya umugambwe CNL widogako utaronkejwe abazocungera amatora bakwiye ndetse ukaba uza warandikiye CENI witwara.