Burundi : Ubusuma bw’amatora ya 2020 bwaratanguye CENI irorera.

Mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine azoba kw’igenekerezo rya 20/5/2020, ikiringo co kwiyamamaza mur’ivyo bibanza gitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 27 ndamukiza 2020 gushika 17 rusama 2020, umugambwe CNDDFDD wowo uza watanguye kera kwiyamamaza.

Mumategeko agenga amatora biravugwako uburyo bwo kwiyamamaza ari bwinshi: Guhuza abantu, gukoresha ivyandiko bimanikwa abantu, gukoresha imbuga ngurukanabumenyi,… mur’ivyo, umugambwe CNDDFDD usanzwe uturukamwo abarongoye umugwi wigenda ujejwe amatora CENI, uza watanguye kwiyamamaza ukoresheje imbuga ngurukanabumenyi kandi ikirangamisi ca CENI kidakurikijwe.

Turetse ama groupes n’impapuro za facebook usanga zanditseko « CNDDFDD, tsinda amatora 2020 », uwo mugambwe uheruka gusohora indirimbo hamwe n’ubwamo bw’amajwi vyamamaza umukandida Évariste Ndayishimiye azokwitoza kw’izina ry’uwo mugambwe. Igitangaje nk’uko abazumva bavuga ni ukuntu havugwamwo ibimenyetso bizoba biri kw’ifise z’amatora mugihe umugwi CENI utarazishira ahabona.

Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 18/4/2020 umugambwe CNDDFDD , usanzwe umaze imyaka 15 ku butegetsi ukaba ufise ibikorwa vyo kwiyamamaza ukoresheje « irementanya no gutera ubwoba abanywanyi b’umugambwe CNL » aho bivugwako hari imbonerakure zateguwe muntara ya Ngozi zishika 4000 ziza kuvugako zahora mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa. Bikavugwako zimwe zahora muri FNL yo kwa Jacques Bigirimana aheruka kumenyeshako atacitoje mu kibanza c’umukuru w’igihuhu, nazo akazi ko gucamwo ibice FNL zari zahawe bikavugwako kari gaheze nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.

Tubamenyesheko umushingamatega Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL utavuga rumwe na CNDDFDD, aheruka kubugira kw’iradiyo imwe yigenga ko mugihe amatora atogenda neza atazoyemera.

Aho ni mugihe abanywanyi b’umugambwe CNL birirwa barafatwa bapfungwa abandi bakicwa nk’uko biguma bisohorwa mu vyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike umugwi CENI nawo ukaba ataco ubivugako.