Burundi : « Abasoda n’abapolisi bavuye mw’ishamba ariko ryoryo ntirirabavamwo. »

Mugihe abarundi n’amakungu bitezeko haba amatora mu Burundi guhera kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020, abasoda n’abapolisi bahoze bagwanira CNDDFDD ikiri mw’ishamba, basigaye bakorera hamwe n’imbonerakure mu mugwi w’abagwanyi bamwe bakiyita ABAZULU, ABARUGWANYE abandi ABASATIRIZI uterekwa abatutsi.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, imyiteguro ni myinshi mubasirikare n’abapolisi bahoze bagwanira FDD, umuhari wahoze mw’ishamba ubu ukaba ari umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi aho bamaze kuja hamwe n’imbonerakure bakagira umugwi w’abagwanyi bitakiri ibanga. Uwo mugwi bamwe biyita Abarugwanye abandi Abasatirizi, abandi Abazulu. Amazina tutashoboye gutandukanya ariko mukwidondora mumigwi ya Whatsapp bashizeho, bakoresha imvugo ya gisirikare n’ama numéro y’akazi(Matricules) ico tutashoboye kumenya n’uko abasoda n’abapolisi bavuga izo bakoresha mukazi gasanzwe n’uko ari nshasha baronkeye muri uwo mugwi.

Akarorero tubashikiriza uno munso ni aka groupe whatsapp imwe yitwa « ABAZULU TURI 1 » gushika kw’igenekerezo rya 18/4/2020. Twarashoboye kumenyako atamututsi n’umwe yemerewe kuyijamwo, uwihenze akajamwo arakurwamwo, ndetse kubera basaba amafoto abinjiye, biranashoboka ko yonaheza akagirirwa nabi. Hakaba hatangigwamwo amakuru yerekeye umutekano yo hirya no hino mu Burundi, Somaliya, RDC, centrafrika aho abari mur’uwo mugwi bose baherereye, indirimbo zibiba amacakubiri zifata abatutsi nk’abansi b’igihugu mumajambo ahinyitse « Intwaro z’aba PDC tugiye kuzisezerera », n’ayandi majambo ateye ubwoba.

Izina n’amanumero y’abarongoye groupe whatsapp.

Ivyo bikaba vyaje vyongera kumakuru yama yavuzwe ko imbonerakure zahejeje imyimenyerezo ya gusirikare hirya no hino mugihugu, kandi amajambo aca muri ben’ayo ma groupes whatsapp akaba yerekanako mu Burundi atagikozwe vuba ngo iyo ngendo ihagarare, abantu bari mu bwoko bw’abatutsi ari umunsi umwe bakabona ivyo abo mu gihugu kibanyi c’urwanda babonye mumwaka wa 1994.

Twashimye kubereka bimwe muvyaciye mur’iyo groupe kw’igenekerezo rya 18/4/2020:

Harimwo uwariko asabako abasoda bari Somaliya n’abari Centrafrique bogumizwamwo mur’uyo mugwi.
Umwe mw’ifoto ya groupe y’ivyavuzwe kw’igenekerezo rya 18/4/2020
Harimwo n’uwavugako yamye muri Congo