Burundi : Umukuru w’igihugu yatanguye gushinga reta.

Allain Guillaume Bunyoni na Prosper Bazombanza bemejwe n’inama nshingamateka kur’uyu wa 23 ruhenshi 2020 ngo bane Ministre wambere kurumwe no kuba icegera c’umukuru w’igihugu k’uwundi

Inyuma yokurahira ngo abe umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020, Gen Maj Évariste Ndayishimiye yasavye inama nshingamateka kwemeza amazina abiri: Prosper Bazombanza kuba icegera ciwe uwo nawe akaba yarigeze kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu imbere ya Gaston Sindimwo bose baturuka mumugambwe UPRONA, akaba yemejwe n’abashingamateka 91 kuri 94 bari bitavye n’abatumye munama yabo yo kur’uyu wa 23 ruheshi 2020.

CPG Allain Guillaume Bunyoni nawe yahora ari umushikiranganji w’umutekano akaba yemejwe n’inama shingamateka kuba ministre wambere aho yemejwe n’abashingamateka 92 kuri 94 bitavye inama n’abatumye.

Aho ni mugihe Willy Nyamitwe nawe kurubuga rwiwe rwa Twitter yamaze guhindura akandikako ari umuhanuzi w’umukuru w’igihugu Gen Maj Évariste Ndayishimiye akaba atawuziko yoba yaronse ikete rimugena rikaba ritarashirwa agahona n’uko ari mubazohindurwa.

Tubamenyesheko ibwirizwa nshingiro ririko rirakoreshwa mugushinga reta ryatowe mumwaka wa 2018 riha ububasha umukuru w’igihugu kugena abagize reta ataravye imigambwe canke amadini umuntu aturukamwo bikavugwako n’intara zishobora kuzotwarwa n’abasirikare nk’uko vyari bimeze mumyaka uburundi bwari muntambara y’amoko (1993-2003).