Burundi: Ikiza ca COVID19 cabaye ndanse.

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya SIDA bwaramenyeshejeko habonetse abagwayi 40 bashasha kur’uyu wa 20 ruheshi 2020, igitigiri kiguma ciyongera.

Mugihe hari abavugako ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bunyegeza igitigiri c’abanduye umugera wa CORONA hamwe n’abahitanwa n’ingwara ya COVID19, kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 ruhenshi 2020, ubwo bushikiranganji bwaramenyesheje igitigiri c’abagwayi 40 bashasha, bakwiza 144 bumaze gushira ahabona.

Tweet y’uwagize icegeranyo

Kurwanya COVID19 nico abarundi benshi bari biteganye igishika kuri Gen Maj Évariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu mushasha aheruka kurahira kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020,naho biteye ubwoba arihamwe kugwayanya COVID19 vyoshirwamwo umuco abatari bake bakavugako cofasha mukugarukana icizere amakungu yari yarataye k’uburundi.

ivyo amatohoza yatweretse abarundi bakeneye vyihuta

Tubamenyesheko reta yaronse imfashanyo zitarinke z’ibikoresho, imiti n’amafaranga vyo kugwanya ico kiza ca COVID19 gihanze isi ihawe n’ibanki y’isi yose, reta zunze ubumwe za amerika, Egiputa n’ahandi gushikubu uburere bw’ubuvuze bwose bukaba bushobora gupima ico kiza. Hakaba hitezweko hashobora no gufatwa ingingo zikomeye zokugwanya ico kiza ca COVID19 nk’uko vyagiye birakorwa mubindi bihugu kuneza y’abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi.

Ibimenyetso vy’umugera wa CORONA bikaba ari inkorara, guhema nabi, kugira ubushuhe bwishi, gutakaza kumoterwa canke kwumva akanovera,gucika inkokora….

Mukwirinda ico kiza n’ugukaraba kenshi n’amazi meza n’isabune canke umuti wica ubucafu, kwambara agakingiramunwa, kwambara ibirato vy’intoke mugukora kumafaranga kubadandaza, guhana umwanya w’imetero n’abandi iyo ugiye ahari abantu benshi, kwirinda gukoranira hamwe no gukurikiza impanuro z’itangwa n’abahejejwe kubungabunga amagara y’abantu bama batanze.