Burundi: Umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe ari hehe?

Kuwa 28 Rusama 2024 umushingamateka akomoka mu mugambwe UPRONA Gaston Sindimwo yarariye umutima amenyo arabaza ikibazo cananiye abandi naco nico kubaza igituma haheze igihe kinini  umukuru w’inama nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe ataboneka mubikorwa vy’inama nshingamateka. Avuga ko abanyahugu baserukira baguma bababaza iyari bakabura ico bishura rero ko bashaka umuco.


Ico kibazo cananiye icegera ca mbere Hon. Sabine Ntakarutimana kuko yaciye yigovyora avuga ko atakirapfa mu bikorwa biba bitegekanijwe ko amategeko ngenderwako y’inama nshingamateka(R.O.I) arekurira ivyegera kuhaba mu gihe umukuru w’inama nshingamateka atahari. Ariko Hon. Gaston yaciye asubira gufata ijambo asaba ko batomora iyo ari nimba ari ivyakazi canke ivyiwe bwite.

Noneho vyagoranye rwose Hon Sabine Ntakarutimana agaragara ko ico kibazo kimugumiye naho afise inyishu yatinye kuyitangaza icese. Yaciye asaba icegera ca kabiri ngo amufashe kwishura ariko yaguma yitwenga. Icegera ca kabiri yaciye avuga ko bazi iyo ari ariko ntiyahatobora. Aca amenyesha ko arikazima akazi kaguma kagenda neza nk’uko amategeko abitegekanya. Gaston yatashe ataronse inyishu azoha abanyagihugu abamutumye ariko birumvikana ko bahazi.

Mubusanzwe urwego umukuru w’inama nshingamateka arimwo rukomeye cane kuko rugira kabiri mu gihugu inyuma y’urw’ukuru w’igihugu. Igitangaje ningene reta itangaza ingendo z’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, iz’umushikiranganji wa mbere ariko urwa Gélase Ndabirabe rukagirwa ibanga.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako umushingamateka Gélase Ndabirabe yoba yarariye ishano(Uburozi) ubu akaba yagiye kwivuza hanze. Abarundi barakeneye kumenya neza  nimba koko arwaye, ari murugendo rw’akazi,  yarahunze igihugu canke atakiri mw’isi yabazima.

Uwo mutegetsi agira kabiri mu gihugu iyo agize urugendo rw’akazi hanze biratangazwa icese ariko ubu ntagakacira. Umwanya uzorimena iryo banga ry’abagumyabanga.