Burundi : Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiye gihutihuti muri Congo

Kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2024 umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiye mu gihugu ca Leta iharanira intwaro rusangi ya Congo, RDC kuvugana na mugenziwe  kubijanye n’intambara iriko ibera mubuseruko bw’ico gihugu asanzwe ashigikiye bimwe biboneka.

Nk’uko tubisoma kurubuga rwa X rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagiye nk’uwuserukira umugwi w’amahoro, umutekano no gufashanya muri leta iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Uburundi buriko bufashanya na FARDC, FDLR, MONUSCO, SADC, WAZALENDO n’abandi bakorera mw’ibanga kurwanya umuhari M23 urwanya leta ya Congo aho bivugwako bumaze kuhaburira abasoda batari bake. Abasoda b’uburundi banse kuja kurwana iyo ntambara bikavugwako bicwa, abatishwe bagapfungwa bagirizwa kugarariza amategeko bahabwa. Umukuru w’igihugu mu kiganiro yahaye abanyagihugu ari muntara ya Cankuzo mumpera ya 2023 akaba yamenyeshejeko kuja mugisoda ari umukino wo gupfa kandiko uburundi buriko bufasha Congo kuko bubonako bitazokwijana nabwo buzofashwa n’abandi niyo bwaterwa.

Tubamenyesheko iyo ndwano iriko ihuza M23 na leta ya RDC bivugwako ariyo kwica abanyekongo bavuga ururimi rw’ikinyarwanda bita aba Nyamulenge.

Ayo macakubiri bikavugwako yatanguye kwibonekeza guhera mumwaka wa 1910 aho abakoloni bashiraho imbibe hakaba igice kinini ca Kivu cari ku Rwanda cisanga muri RDC n’abo banyagihugu bariko baricwa nk’uko havurwa ibice vy’uburundi vyisanze muri RDC i Bukavu na Tanzaniya. Muri Tanzaniya hoho nikavurwako hari amasezerano yayeguriye igice c’uburundi kiruta uburundi incuro zirenga zine (91000Km2).

Iyo ntambara iriko ibera mubuseruko rwa RDC igashobora gushwara akarere kose narirya habandanya hingishwa inyigisho z’amacakubiri nk’izagizwe n’umuhari FDLR mugihugu kibanyi c’u Rwanda imbere y’ihonyabwoko ry’akorewe abatutsi mur’ico gihugu 1994.

Ikindi mwomenya n’uko igihugu ca RDC casubijeho igihano co gupfa, umusoda wese azofatwa ahemukiye igihugu akazokwicwa ariko mu Burundi ho abasoda bakaba boba bishwe amategeko ahonyanzwe.

Mubivugako iki?