Burundi: « Umuntu ashobora kurima akarimarima. » amatora yaraye abaye.

Mugihe amatora yaraye abereye rimwe ari atatu mugihugu cose kur’uyu wa 20 rusama 2020, gushika ubu abarundi benshi baracibaza uwaraye atsinze amatora hagati y’abahiganywe.

Abahagarikiye amatora hirya no hino kubw’umugambwe #CNL bagerageje gusaba ivyegeranyo vy’aho bacungereye amatora baraye mugasho abandi ntibamenye iyo bajanwe mubice vyinshi vy’igihugu harimwo no muri Bujumbura rural aho mu #Ruyaga abapolisi barashe kugira, PV ntibazironse.

Kubwa Agathon Rwasa, yitoje kubw’umugambwe CNL mukibanza c’umukuru w’igihugu, haribonekeje utunenge aho abanywanyi b’uwo mugambwe bankiwe gutora agasaba CENI gushira aho abanyagihugu bashize. Ivyo akaba yabivugiye i Ngozi ahejeje gutora. Yagiriyeko anegura ugene ugutumatumanako amakuru vy’ugawe kumunsi vy’amatora. Kur’ico Francis Rohero nawene yari mubitoza, « Nimba imbuga ngurukanabumenyi zigawe muntumbero yo kugabanya ibihuha aho ntangora ariko zikaba zugawe kugira habe ubusuma bw’amajwi ivyo bintu vyoba ari nibi cane.

Kubwa Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu buca arangiza ikiringo:

« Amatora ni nk’iteragira, umuntu ntiyama yiteze kwimbura imisi yose uko arimye. Uyu munsi ararima akimbura, ejo akarima akimbura hirya yejo ntiyimbure. Umuntu ashobora kurima akarimarima »

Amwe mumajambO PN yakoresheje.

Tubibutseko ejo habaye amatora atatu: Iry’umukuru w’igihugu, iry’abashingamateka hamwe n’iry’abahanuzi b’amakomine kandi ko umugwi utegura amatora CENI uzoshikiriza ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 26 rusama 2020 hanyuma uwuzoba yatsinze amatora akazorahira mumpera z’ukwezi kwa Myandagaro 2020.