Burundi: Ijoro rirerire ry’ubwoba no kwiba amatora.

Mugihe abarundi baziduka baja mumatora yambere menshi azobera rimwe kur’uyu wa 20 rusama 2020, abanywanyi b’umugambwe uri kubutegetsi baraye muruhagarara rwo kwiba amatora igihugu cose.

Kumusi wejo abarundi bazozinduka gutora umukuru w’igihugu, abashingamateka hamwe n’abahanuzi b’amakomine. Mukibanza c’umukuru w’igihugu hakazokwitoza abantu indwi:

  1. Évariste Ndayishimiye, CNDDFDD
  2. Agathon Rwasa, CNL
  3. Domitien Ndayizeye, KIRA BURUNDI,
  4. Léonce Ngendakumana, FRODEBU,
  5. Gaston Sindimwo, UPRONA,
  6. Francis Rohero, yigenga,
  7. Dieudonné Nahimana, yigenga.

Ayo matora akazokwitabwa n’abantu batazwi igitiri ariko boba bashika imiriyoni zitanu nk’uko CENI yigeze kubivuga ariko ubu uwo mugwi ukaba utigeze ushira ahabona intonde z’abazotora. Kurico bikaba bicugwako CENI itinyako vyobonekako mubanditse ko batorora hoba harimwo abana batarakwiza imyaka, abapfunzwe, abapfuye n’abahunze bibugwako umugambwe CNDDFDD witeguye gukoresha mukwiba amatora.

Nk’uko amakuru dukura hirya no hino abivuga, abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’abajejwe umutekano bahoze bagwana muri FDD, utaraba umugambwe CNDDFDD umaze imyaka 15 kubutegetsi baraye muruhagarara. Muvyo bita guhinyanyura abandi bakora akazi ko gukizura. Muri ukwo gihinyanyura n’uko bagorobeje mumanama y’uko amakarata 50 CENI itanga kubiro ivyarivyo vyose arengako yose ategerezwa gukora agatorerwako CNDDFDD. Ndetse abasoda n’abapolisi bakaba baraye kwizamu no gupanga uko bazokwiba amatora n’abahora bataha iwabo canke bakorera muma biro naho boba bafise amapete yo hejuru.

« Ari hamwe twotsindwa amatora twaragwanye kandi dufise ibigwanisho twoba twambaye ibara. CNL itsinda, idatsinda ntishobora kudukura ku butegetsi »

AmajaMbo avugwa n’abahoze bagwana muri FDD

Ubusuma bw’amatora bukaba bwaragiye buraja ahabona munteguro. Umugambwe CNDDFDD ukaba watanguye kwiyamamaza imbere y’amagenekerezo yashinzwe ndetse n’ivyapa biriko Évariste Ndayishimiye bikaba vyari bikimanitse aho vyashizwe mukwiyamamaza mw’ijoro ryo kuwa 19-20 rusama aho twandika iyi nkuru.

Kuva imyiyamamazo itangura mukwa kane igenekerezo rya 27, gushika uno munsi abatavuga rumwe na reta cane cane abari mumugambwe CNL bakaba bakubagurwa, bapfungwa abandi bakazimira bakaburwa irengero ndetse hakaba n’abishwe. Aho hose igipolisi kikaba cama gisohora amatangazo agereka icaha kuba CNL mugihe buvugwako ari imbonerakure zikora ayo mabi zisomborotsa abo batavuga rumwe.

Twobamenyeshako imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD arizo zizocungera amatora kandi zifise itegeko ryo kuzokwandikako ari CNDDFDD izoba yatsinze naho bazoba batsinzwe. Umugambwe CNL waragerageje kwandikira CENI ngo ihindure abaserukira ibiro vy’amatora nawo uronke abawuserukira bikwiye ariko CENI ikaba itabikoreyeko kiretse amakosa yo guha abitoza kurongora ibizo vy’amatora wahavuye uvugako ari amakosa.

Imborerakure zikaba kandi zararonkejwe inkoho be n’ibikoresho nk’ivyigisoda vyo gutumatumanako amakuru vya Motolora aho imurongo izoza iragaburwa bivanye n’abakorana mumakomine n’intara zitandukanya ariko bikaba bitashoboye gushika vyose biva mu gihugu c’ubushinwa kubera ikiza ca #CORONAVIRUS catumye hugarwa imipaka. Ibi bakazotuma ivyo guca imirongo y’amaterefone bitazoba kurugero vyobereyeko iyo ivyo bikoresho bishika. Amakuru dukura mumbonerakure akamenyeshako nabo bazoba bakeneye kuvugana kimwe gusa akaba atabandi bazokwemera gukoresha terefone kuma biro y’amatora atarizo.

Ikindi kizotuma imbonerakure zitazokora nk’uko vyari vyateguwe n’uko umugwizatunga bivugwa ko ari munterahamwe aturuka mugihugu c’urwanda Esdras Butare nawe vyanse ko ava hanze kubera imbibe zugawe akiri mugihugu c’ubufaransa kubazanira ibikoresho vyobafashije « gukora akazi neza ». Tukaba tutashoboye kumenya izina yagiriyeko kubera bivugwako aguma ahindagura amazina.

Ayo makuru abandanya amenyesha ikinyamakuru Itara Burundi ko haraye ubwoba buva kubihuha vyo guterwa n’imigwi yitwaje ibigwanisho hamwe n’uko bashobora kwiba amatora bikanka kubera abanyagihugu bashobora kwanka kwibwa amajwi bazoba batoye narirya aribo baterereye amatora ndetse bamwe kunguvu.