#Burundi: Uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL rwafashe umuvuduko udasanzwe.

Murino misi haravugwa uruhigi rw’abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi aho hari abafatwa bagakubitwa, bagapfungwa abandi bakaburwa irengero.

Mugihe abanywanyi b’umugambwe CNL bagirizwa n’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD gukorana n’umuhari urwanya reta RED Tabara, mur’iyindwi iheze haraciye kurubuga ngurukana bumenyi rwa Whatsapp ubutumwa butanga iciyumviro c’ingene Rwasa agathon, umukuru w’umugambwe CNL yofatwa agapfungwa canke akicwa. Uwanditse ubwo butumwa abonako vyatevye, bafatiye kumajambo ashikirizwa n’umushingamateka Rwasa hirya no hino vyari kworoha kumufata.

Eka n’umushingamateka Rwasa Agathon ubwiwe akaba aherutse gushira ahabona umugambi wo kumugandagura, Radio Inzamba agateka kawe nayo ivuga ibitero vyoba biriko birategurwa mu gisagara ca Bujumbura bikazoca vyegekwa kuri Rwasa aho naho akazoca afatwa.

Hagati aho mu Cibitoke n’i Bubanza abanywanyi b’uwo mugambwe barafashwe kubwinshi mur’iyi ndwi iheze benshi bagirizwako badafise ivyangombwa.

Haciye imisi ine umwigisha Abdoul Manirutingabo afashwe n’#Imbonerakure zimusanze kw’ishure yigishako rya #ECOFO #Kavumu riri muri komine #Butihinda intara ya #Muyinga akaba atawuramenya aho bamutwaye,ndetse nabo bakorana hamwe n’ababanyi biwe bavugako ataco bari bamuziko kibi.

Inyuma yihagarikwa rya Irakoze Gilbert, umunywanyi wa #CNL mw’i #jenda muri #Mugongo_Manga kur’uyu wa 11/11/2019, Éric Barakamfitiye, umukuru w’imbonerakure kumutumba i Jenda Rural, akoresheje numéro ya whatsapp yiwe 61328789,

Yahavuye yandika mu mugwi umwe wa Whatsapp amazina y’abo yita « Abicanyi » aribo: Thérance Kagabo, Gervain Harerimana, J.Claude nizigiyimana, Emery Hakizimana Déogratias,Hygues Kankiko, Therance Kankiko na Nizigiyimana stive.

Tubamenyesheko abapolisi bafashe uwo Irakoze Gilbert bari bajanywe n’imbonerakure kandi ko n’abo twadondaguye bashobora gufatwa umwanya n’umwanya.

Abanywanyi b’umugambwe CNL bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyeshako itotezwa bagirirwa aho kubaca intege ahubwo ribaha inguvu kubera kuribo ari ikimenyetso cerekana uko umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi wagize ubwoba bwo gutsindwa mumatora ya 2020 kandi ko batiteguriye guhesha, ngo bazoherekeza amatora kugeza bahejeje guharura amajwi.

Bakavugako CNDDFDD ihirahiriye ikiba amatora canke igakora ku mukuru w’uwo mugambwe Rwasa Agathon hazoca haduka intambara ubwo nyene.