Burundi:Abamenyeshamakuru bane n’umushoferi wabo bafatiwe ingingo yo kubandanya bapfunzwe.

Inyuma y’indwi abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru iwacu Christine Kamikazi, anges Ndirubusa, Thérence Mpozenzi, Egide Harerima n’umushoferi bahagaritswe bagapfungwa hariya muntara ya Bubanza, .
Sentare nkuru ya Bubanza yafashe ingingo yo kugumiza mugasho abo bamenyeshamakuru n’umushoferi wabo ibagirizako bafashije abateye igihugu mundwi iheze, aho ni mugihe hari umugwi w’abagwanyi waciye muntara ya Bubanza ugatana mumitwe n’inzego z’ijejwe umutekano ku nkengera z’ishamba cimeza rya kibira.
Abo bamenyeshamakuru bakaba bari bagiye I Bubanza gutohoza ivy’ico gitero baca barafatwa n’ibikoresho vyabo vyakazi.
Tubamenyesheko ikinyamakuru cari kimaze imisi itari myinshi kigabishijwe n’ugwego rwo gucungera amakuru n’ibimenyeshamakuru CNC.
Mugihe himirije amatora mu Burundi abatari bake bibazako reta irongowe n’umugambwe CNDDFDD yoba ishaka kuzivya ibimenyeshamakuru kugira amabi akorwe atacamira ndetse n’amatora yibwe ntihagire ikimenyeshamakuru na kimwe coboneka kibishira ahabona.
Tubibutseko ama radio mpuzamakungu nka BBC na VOA nazo zahagaritswe gukorera muburundi na Leta yuburundi.