Mu gihe mu zindi ntara hagiye hibonekeza kwihorahorana ku mabi yabaye 1993, aho n’ubu usanga hari abakiri mumakambi y’abateshejwe izabo atari make akwiragiye mu gihugu y’abatinya gusubira muzabo kubera gutinya ko ababahakije bohava babica, mu ntara ya Cankuzo haraye habaye bishasha bitamenyerewe mu Burundi.
Muri Paruwasi Muyaga iri muri diyoseze ya Ruyigi,kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 9 nyakanga 2018, imbere y’abaserukira reta, abaserukira umugwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira ndetse n’abaserukira Imana kw’isi(Abihebeye Imana) n’abanyagihugu harimwo abiciwe abantu mu rwimo kwa 1993 habonetse abantu bemanga ko bishe abantu bakahamba mu binogo rusangi. Aho basavye imbabazi abo bahekuye ishengero rikinje bagatako bakazihabwa ku mugaragaro.
Babifashijwemwo n’umugwi ujejwe amahoro n’ubutungane w’ishirahamwe SOPRAD rikukira diyoseze ya Ruyigi abishe n’abiciwe abantu baciye baja gushira ingori z’amashurwe ahari ibinogo rusangi vyahambwemwo intungane zazize ubwoko atakindi zari zakoze biri ku musozi Mugozi wo muri komine Cankuzo i ntara ya Cankuzo nyene.
Nk’uko abo bavuze ko bishe abantu babivuze ngo hari n’ibindi binogo rusangi vyahambwemwo abantu biri ku misozi ya Kabeza, Rujungu, Gisagara n’ahandi.
Ivyo bikanba vyashobotse kubera inyigisho z’imisi itari mike bagirishijwe n’abasaseredoti b’idini rya Katorika aho uwo mugambi bivugwa ko uzobandanya.
Abanyagihugu bari bitavye ivyo birori bakaba batashe batangajwe n’ico gikorwa kandi bizerako atavyo kwihorahorana bizogikurikira kubera inzego zose zari zaserukiwe ndetse harimwo n’umugwi wari kuba wabikoze ariwo CVR kandi bakizerako utazovyivangamwo kuneza y’amahoro n’umutekano vy’igihugu na cane cane mur’iyo ntara isanzwe itasinzikaye nk’izindi ntara ariko bakabonako inyifato imbonerakure zimwe zimwe zikorana w’uwujejwe iperereza ishobora kubakwegera mu magume atagikozwe,
Twashatse kumenya ico abahinga mu vyo gutatura amatati bidaciye mu ngimba bovuga kuri ico gikorwa, inkurikizi gishobora kugira ariko tukaba tutashoboye kuronka iciyumviro cabo.