Burundi: Bakaramuka basinye Amasezerano adafatiye kubiganiro nyavyo birabaraba.


Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yandikiye ibaruwa Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungungu ONU kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 Nyakanga 2018, amumenyesha aho ahagaze ku biganiro biriko birategurwa mu gutorera umuti indyane ziri mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015.
Ayo mashirahamwe yanditse iryo baruwa amenyesha ko Amasezerano ya Arusha hamwe n’Ibwirizwa Nshingiro riyakomokako ryo muri 2005 bigifise ikibanza ca mbere mu gutorera umuti indyane za politike zirangwa mu Burundi ko vyosubizwa agaciro.
Ayo mashirahamwe akaba adatahura ukuntu Petero Nkurunziza n’abamufasha kurongora uBurundi basanzwe bariko bagirwako amatohoza na Sentare Mpuzamakungu ku mabi bakoreye Abarundi bokwicagurira abo baganira bagakumira abo barungikiye imitahe mpuzamakungu yo kubahagarika.
Ayo mashirahamwe amenyeshako igihugu ca Tanzaniya kitagishoboye kwakira ibiganiro vyizewe na bose mu gihe kimaze imisi cerekana inyifato itabereye kubatavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura hamwe no mu kuburabuza impunzi z’Abarundi cakiriye.
Bakabandanya basabako ibiganiro vyotunganywa neza nayo ahandi hazofatwa ingingo itorohereza Petero Nkurunziza kukaba nkako ivyo biganiro biriko birategurwa vyakumiriwemwo abari mu matati nk’aha bakaba bavuze ko n’Urwaruka, Abakenyezi n’Abarongoye Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kandi bafise ijambo mu kurondera amahoro arama mu burundi.
Ayo mashirahamwe yarangije iryo baruwa amenyeshako ibiganiro vyizewe, bihurikiyemwo bose kandi birashe ariwo muti nyawo w’indyane zirangwa mu Burundi.
Tubamenyesheko ibiganiro bihuza Abarundi ku ncuro ya vyo ya gatanu biriko birategurwa n’umufasha w’umuhuza Benjamin William Mkapa aho yagiye kubonanira mu gihugu c’uBubiligi n’abarongoye CNARED-Giriteka , urunani rw’abanyepolitike biyonkoye kuri CNDDFDD hamwe n’abahora barongoye imigambwe itavuga rumwe na reta y’uBurundi.

Isomere iryo baruwa mu rurimi rw’igifaransa