Mugihe Évariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri kubutegetsi #CNDDFDD aherutse kugendera intara ya #Cankuzo kwugurura ingoro y’uwo mugambwe, yabwiye abanyagihugu baho aribo bambere babanye mu mahoro ugereranije n’izindi ntara.
Igihe yabisikanya na Pascal Nyabenda gutwara uwo mugambwe, uwo nawe akaba ariwe aramutswa inama nshingamateka, yari yamubwiyeko intara ya #Cankuzo ariyo yambere yamugoye gutwara imyaka yose yari yarongoye umugambwe.
Guhera ico gihe muri 2016 ntabategetsi bakomakomeye muri Reta basubiriye kugenwa n’umukuru w’igiguhu bava muriyo ntara nkuko vyahora imbere yaho, ikitavuzwe coco ni umushikiranganji.
Mandat ya gatatu ya Petero #Nkurunziza ikaba igiye guhera bikiri uko mugihe iyo ntara ifise abaminuje batari bake mbere n’abanonosoye barimwo.
Tubamenyesheko kuva Pascal Nyabenda avuze ivyo ariho hatangura kwibonekeza abakora mw’iperereza bava muzindi ntara, abo nabo bakagirizwa urupfu rw’abatari bake nka Simon Bizimana, Mugara Jonas n’uwaramuhetse kumoto, n’abandi ndetse n’abapfunzwe bazira irementanya nk’uko amakuru dukura mur’iyo ntara abivuga.
Ivyo vyose bikaba mugihe umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo yaciye agura itongo aho mu Cankuzo aho mbere n’itongo ryashingurwamwo abitavye Imana ryaciye ryimurirwa hafi y’iryo tongo ryiwe naho abanyagihugu batasiba gusemererako bitaborohera gushika murico kibanza iyp babuze umuntu.