Burundi: Abarongoye ishengero ry’aba adventiste bo ku munsi w’indwi ku Muterero bafashwe bubandi

Mugihe ishengero ry’aba adventiste bo ku munsi w’indwi mu Burundi bamaze amezi atari make mungorane z’abarirongoye, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 mukakaro 2019, abarirongoye kw’ishengero ryo ku Muterero muri komine n’intara ya Cankuzo bafashwe n’abapolisi, barabohwa hanyuma bajanwa ahataramenyekena.

Umviriza umukirisu w’iryo shengero

Mugihe amasengesho yaragire ahere mw’ishengero mur’iyo shengero, isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo ine n’itanu niho abapolisi bashwara mu bakirisu, bagafata abahora barongoye iryo shengero bakababoha bakabakubita babicayeko mumodoka, babatwara ahantu hataramenyekana gushika ubu.

Tubamenyesheko mu kwezi guheze ishirahamwe FORSC ryari ryanditse ihohoterwa ry’abo bahora barongoye abandi ku Muterero kandi ko izo ngorane zatanguriye i Bujumbura aho uwurirongoye mu Burundi, Pasteur Docteur Joseph Ndikubwayo atemerwa n’abatwara iryo shengero ry’aba Adventiste bo ku munsi w’indwi kw’isi yose bari muri Reta zunze ubumwe za Amerika ahari icicaro gikuru, ahobikavugwako boba bamwagiriza kwinjiza ivya politike y’umugambwe CNDDFDD mw’ishengero.