Inyuma y’igihe kitari gito umubano uri hagati y’ibihugu vy’u burundi n’urwanda utifashe neza, ibiganiro vyashitse kurwego rwo hejuru. kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 10 nzero 2022 intumwa z’umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye zirongowe na Ambassadeur Ezechiel Nibigira zakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame .
Nk’uko biboneka kurubuga rwa twitter rw’ikinyamakuru igihe, umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yakiriye Ambassadeur Ezechiel Nibigira, umushikiranganji ajejwe ivyo kwinjira kw’uburundi mu karere k’ibihugu vya afrika y’ubuseruko, urwaruka, inkino n’imicokama yararongoye intumwa z’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Ico kinyamakuru kikavugako bagiriraniye ibiganiro vy’intango vyo kunagura umubonano hagati y’urwanda n’u Burundi.
Tubamenyesheko imigenderanire hagati y’uburundi n’urwanda itifashe neza kuva mumwaka wa 2015, ivyo bihugu bikaba bitagihanahaha ibidandazwa ariko bikaba bimaze imisi bihanahana abagizi ba nabi kumpande zose.