Burundi : Ivy’abasoda bapfiriye muri komando i Gitega

Burundi, amakuru

Haraciye imisi havuzwe abasoda indwi bapfuye bariko gagira imyimenyerezo yo guca inkofero y’igikomando i Gitega. Ikinyamakuru Itara Burundi caronse amakuru avugako Capitaine Baryana yararongoye ivyo bikorwa ariwe yobazwa ivyabaye,  abasoda bagasabako ibikorwa vyosubira bikabandanya ariko nawe akabazwa.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru Itara Burundi gikura muntwazangabo z’uburundi abivuga, captitaine Baryana yatowe kurongora ivyo bikorwa vy’igikomando kubera ubwoko, bivuyeko yegereye Gabriel Nizigama batazira Tibia, umunyamabanga ntayegayezwa mu biro vy’umukuru w’igihugu akongera akegera umupfasoni w’umukuru w’igihugu akaba yoba yaciye yikorera ivyo ashatse, abari mur’iyo myimenyerezo abicisha inzara kandi babandanya bakora cane kuburyo indwi muribo bapfuye ndetse n’umwe mubabakoresha iyo myimenyerezo abandi bakaba bakiri kumusego.

“Centre Commando yoba igiye gufutwa burundu mumateka y’igisoda c’uburundi? Ubu harafatwa iki? Session izoronka promotion itahejeje formation kubera incungu? Abakurikira bazokwemera kuja kubambwa canke bazosaba impapuro za magendo ko bagwaye kugira basibe? » Ibibazo vyibazwa n’umwe mumasoko y’iyo nkuru. 

Abasoda bavugako n’ubwo hapfuye benshi kurusha abahora bapfa (hagati ya 0 na 2 kuri session),  ivyo bikorwa bitoca bihagararara kuko arivyo igisoda c’uburundi gihagazeko.

Mwebwe muvyumva gute?