Burundi : Abaharanira agateka ka zina muntu bariko baravugana n’abategetsi bakomeye bo muri Afrika.

Abaharanira agateka ka zina muntu mu burundi bamaze imisi mur’ugendo rwo gusigura uko agateka kazina muntu kifashe mu Burundi hariya muri Ethiopiya.

Muvyo bariko barasigura abakuru b’ibugu, abarongoye ubumwe bwa Afrika be n’abafasha uburundi n’uko ivyo agateka ka zina muntu vyifashe mu Burundi imbere yuko haba amatora ya 2020. Amashirahamwe barongoye yama yashikirije ivy’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu mu burundi muvyegeranyo yama yasohoye.

Tubamenyesheko mur’ico gihugu giheruka no guterwa iteka ridasanzwe aho umushikiranganji wambere waho Abiy Ahmed yaronse agashimwe kitiriwe Nobel, inyuma yaho yemeye ibiganiro hagati ya Ethiopie na Erythrée ubu bikaba bibanye neza