Burundi : Hoba hari umugambi wo kugirira nabi imiryango y’abatutsi bakiri mumakambi y’impunzi hagati mu gihugu kuva mu ntambara za 1993.

Nk’uko amakuru dukura mu makambi y’impunzi z’abatutsi n’abahutu bakeya batari bashigikiye ihonyabwoko, bacitse kw’icumu mu ntambara za 1993 ziri mu ntara ya Gitega na Ngozi, umugambi wo kubahonya woba uza watanguriye i Mutaho aho batanguye kwicishwa inzara n’abapolisi hamwe no gupfunga bamwe muribo kuva kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 24/8/2019.

Abanyonga ama moto bo mw’ikambi y’impunzi y’i Mutaho mu ntara ya Gitega nibamwe mubumvise uwo mugambi  hakiri kare. Ku wagatanu igenekerezo rya 23/8/2019 mu masaha ya satanu z’igitondo uworongoye igipolisi muri komine Mutaho yitwa sylvestre Nyabenda yafashe umugambi wo kubaka amafaranga ataco aciyeko nk’uko babivuga,  kugira bagume bakora nabo barayamwima niko kurungika abapolisi gufata amamoto hama haca haba imishamirano biranka ko bayatwara.

Niho bukeye kuwagatandu igenekerezo rya 24/8/2019 ikambi y’izo mpunzi yavyuka yugarijwe n’igipolisi hagwiriye mwo abapolisi bo muri GMIR barasaka barongowe n’icegera ca komiseri w’igiploisi i Gitega Njiri Méthode. Basaka cane cane imihana yo muri site ifise ama moto hamwe niyirimwo abana b’abahungu.

Imoto zirenga gato 20 zafashwe zijanwa i Gitega. Ugwaruka rwari rwafashwe rumwe rwararekuwe abandi bashika kuri 11 bajanwa mugasho i Gitega bikavugwa ko babiri mur’abo bajanywe gupfungwa bohohotewe bikomeye abo nabo bakaba ari Ntigirinzigo Dieudonné na viateur bataira Buseyi.

Imiryango y’abahora batunzwe n’izo moto ikaba igiye kwicwa n’inzara izirako ari abatutsi atakindi bazira nkuko imyidogo iva mur’iyo miryango ivuga.

Tubamenyeshe ko aho mw’ikambi y’abateshejwe izabo y’i Mutaho mu makambi y’abateshejwe izabo yaragicunzwe n’abasirikare ahandi bivugwako abasirikare bakuweyo ngo bagiye gutegura defire yo guhimbaza ukwikukira kw’uburundi yabaye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2019 ariko bakaba batagarukanywe kandi bikongereza ubwoba buri mur’izo mpunzi narirya bivugwako hari urwaruka rukironderwa n’igipolisi.