Burundi: Intwaro ya Petero Nkurunziza yanyomoje mu gukora ibibi

Muri raporo yasohowe kw’igenekerezo rya 17/8/2019 n’ishirahamwe FORSC y’ukwezi kw’indwi 2019, Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa waryo yaradushikirije bikuru bikuru birimwo.

Umviriza ijwi rya Ernest Nkurunziza ryafashwe kw’igenekerezo rya 21/8/2019

Mur’iyo raporo havugwamwo itotezwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Rwasa Agatho, ivy’ukwigiha imbonerakure ubugizi bwa nabi, ikena ry’igitoro, umugambi w’imbonerakure wo gutera inda abigeme b’abatavuga rumwe na CNDDFDD ngo bavyare imbonerakure, ubumenyi mumashire buriko busubizwa inyuma, ukuntu ibiza vya korera na marariya bibandanya bisasika inganda, inyuruzwa ry’imfashanyo yo gukinga ikiza ca Ebola hamwe no gufata nabi abari bajejwe kuyikinga, igurishwa ry’imfashanyo y’umuceri yavuye mugihugu c’ubuyapani bikavugwako igiye gufasha kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwo mu kajeke kandi bizwiko amafaranga yari abigenewe yari yarabonetse.

FORSC imenyeshako uwanyuruje uwarajejwe ibikorwa SRDI yahawe amabanga yo gutwara intwara ya Bubanza n’umukuru w’igihugu bikumvikanako yarazi iyo ayo mafaranga yaroye kuko yamushimiye.

Iyo raporo ivuga ukuntu abamenyeshamakuru, amashengero, amabohero na Interbank vyugarijwe n’intwaro mbi hamwe n’igihano co kwihora abaharanira agateka ka zina muntu cafatiwe Germain Rukuki atakindi azira atari guharanira agateka ka zina muntu.

Mukurangiza iyo Raporo, FORSC isaba imbonerakure kwanka gukoreshwa amabi atandukanye kunyungu z’umumuntu umwe n’ibindi.

Kurikira site ya FORSC mwisomere iyo raporo.