Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 iheze uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu yashiririje ijambo abarundi inyuma yo kurahiza abagize reta shasha kur’uyu wa 30 ruheshi 2020.
Mugihe buca haba igenekerezo rya 01 mukakaro 2020, uburundi buhimbaza imyaka 58 iheze uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo ririmwo imigani 25 ikurikira:
- Ibuye riserutse ntiryica isuka
- Umugabo atinya ingwe, ntatinya iyamwinjiranye
- Urera nabi ugatukwa n’abakwe
- Amaso y’ibikere ntabuza abavoma
- Imvura irahinda ntibuza abasenya
- Isi ntisakaye,
- Bwuguruje ku mubanyi iwawe buba bukeye
- Ikiza ntikizira umwe
- Inkuba irabije ntukire ngo mara abansi, n’umukunzi birajana
- Umwana w’uwundi yimba aguhisha ivu
- Agafuni kabagara ubumwe ari akarenge
- Iminwe iryoha inyuranye
- Uwutokuvuna yokuva inyuma
- Ntawuterwa iteka atekeye mu vyatsi
- Uwushaka iteka araritekerera
- Ntawuhomera iyiyonka
- Ntā mpērá y’umurozi
- Inda mbi ntiyengerwa
- Igiti kirakurira mu babaji
- Agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa n’umuyaga
- Atagapfuye ntagakira
- Nyamwigendako ntarimira impeshi
- Uwanka gucuka acika uruzingo
- Amaherezo y’inzira ni mu nzu
- Inkoko irara mw’ishamba bugaca yacitse inkware
Mur’iryo jambo Evariste Ndayishimiye yashikirijemwo amajambo nyamukuru aho hari ayavuzwe incuro nyinshi kurusha ayandi: Igihugu(48), Kwikukira(27), Intahe(27), Abenegihugu(16), Shinga icumu mu mashinga(6), Abakoroni(6), Ubwami(5), Umutekano(5), Kwigaburira(4), Petero Nkurunziza(3), Korona(3), Abagabo(2), 2005(3), Korona(3), Imboneza(2), Ludoviko Rwagasore(1), Merikoyori Ndadaye(1).
Iryo jambo rikaba ryashimikiye kuvyo reta yahahora yakoze nk’uko mushoshobora kuryisomera k’ububuga rw’ikinyamakuru Itara Burundi.
Yagarutse kubihano uburundi bwafatiwe aho yavuzeko uburundi bubayeho neza kurusha imbere yaho akavugako uburundi bufasha kugarukana amahoro hanze nko muri Centre Afrika na Samaliya.
Yarangije ijambo ryiwe atanga impanuro anibutsa ico icivugo “Ubumwe-Ibikorwa-Amajambere” gisigura ibitandukanye cane n’icivugo umuhisi Petero Nkurunziza yari yagarukanye Imana-Umwami-Uburundi.