Burundi: Imyibutsa 25 n’amajambo dusanga mw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndashimiye yashikirije.

Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 58 iheze uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu yashiririje ijambo abarundi inyuma yo kurahiza abagize reta shasha kur’uyu wa 30 ruheshi 2020.

Mugihe buca haba igenekerezo rya 01 mukakaro 2020, uburundi buhimbaza imyaka 58 iheze uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije ijambo ririmwo imigani 25 ikurikira:

  1. Ibuye riserutse ntiryica isuka
  2. Umugabo atinya ingwe, ntatinya iyamwinjiranye
  3. Urera nabi ugatukwa n’abakwe
  4. Amaso y’ibikere ntabuza abavoma
  5. Imvura irahinda ntibuza abasenya
  6. Isi ntisakaye,
  7. Bwuguruje ku mubanyi iwawe buba bukeye
  8. Ikiza ntikizira umwe
  9. Inkuba irabije ntukire ngo mara abansi, n’umukunzi birajana
  10. Umwana w’uwundi yimba aguhisha ivu
  11. Agafuni kabagara ubumwe ari akarenge
  12. Iminwe iryoha inyuranye
  13. Uwutokuvuna yokuva inyuma
  14. Ntawuterwa iteka atekeye mu vyatsi
  15. Uwushaka iteka araritekerera
  16. Ntawuhomera iyiyonka
  17. Ntā mpērá y’umurozi
  18. Inda mbi ntiyengerwa
  19. Igiti kirakurira mu babaji
  20. Agati gateretswe n’Imana ntigahenurwa n’umuyaga
  21. Atagapfuye ntagakira
  22. Nyamwigendako ntarimira impeshi
  23. Uwanka gucuka acika uruzingo
  24. Amaherezo y’inzira  ni mu nzu
  25. Inkoko irara mw’ishamba bugaca yacitse inkware

Mur’iryo jambo Evariste Ndayishimiye yashikirijemwo amajambo nyamukuru aho hari ayavuzwe incuro nyinshi kurusha ayandi: Igihugu(48), Kwikukira(27), Intahe(27), Abenegihugu(16), Shinga icumu mu mashinga(6), Abakoroni(6), Ubwami(5), Umutekano(5), Kwigaburira(4), Petero Nkurunziza(3), Korona(3), Abagabo(2), 2005(3), Korona(3), Imboneza(2), Ludoviko Rwagasore(1), Merikoyori Ndadaye(1).

Iryo jambo rikaba ryashimikiye kuvyo reta yahahora yakoze nk’uko mushoshobora kuryisomera k’ububuga rw’ikinyamakuru Itara Burundi.

Yagarutse kubihano uburundi bwafatiwe aho yavuzeko uburundi bubayeho neza kurusha imbere yaho akavugako uburundi bufasha kugarukana amahoro hanze nko muri Centre Afrika na Samaliya.

Yarangije ijambo ryiwe atanga impanuro anibutsa ico icivugo “Ubumwe-Ibikorwa-Amajambere” gisigura ibitandukanye cane n’icivugo umuhisi Petero Nkurunziza yari yagarukanye Imana-Umwami-Uburundi.