Burundi : Gutahukana impunzi.

Igihugu ca Tanzaniya casubiriye kugira umugambi kwirukana impunzi z’abarundi bari bahingiyeyo nayo igihugu ca Uganda naco kimenyeshako uburyo bwo gufasha impunzi buzoshika mukwezi kwa nyakanga 2020 gusa.

Muntango y’iyi ndwi turimwo isoko yo mw’ikambi y’i Mtendeli muri Tanzaniya impunzi zahora zisumiramwo yarabomowe na bene ama kiyosike kw’itegeko ry’abarongoye ikambi y’impunzi. Bakabasaba gutaha bababwirako amatora yaheze, uburundi buri mumahoro, ivyo izo mpunzi zitabona kumwe nabo, zikavugako zitarizera ivyo reta nshasha izokora, bavugako bagifise ubwoba bw’imbonerakure zoba zigifise ibigwanisho.

Mu gihuguca Uganda naho mukwezi guheze reta yamenyesheje ko ataburyo bwo gufasha impunzi buzorenza mukwezi kwa cenda ifise. Ikavugako izoca ifata ingingo yo kuzisubiza iyo zaje zihunga ziva.

Tukabamenyesheko k’uruyu wa 2 mukakaro 2020 amashirahamwe HCR na OIM yatahukanye impunzi z’abarundi 176 zahora mw’ikambi z’impunzi za Nduta na Nyarugusu muri Tanzaniya zikaba zakiriwe kumupaka wa Makamba zishikizwa ukwazo.