Burundi: Imbonerakure zoba ziteguriye kwiba amatora ya 2020 no kumara abo batavugakumwe

Kur’uyu wa gatandatu igenekezo rya 17 myandagaro 2019 urwaruka rw’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi rwaraye rusozereye indwi yahariwe Imbonerekure aho amajambo y’iterabwoba ariyo yumvikana irya nino mundirimbo n’ivyivugo vyazo.

Imbonerakure zari zimaze indwi yazihariwe mubikorwa bitandukanye harimwo kwigishwa akarangamutima kazo, zaraye zishize ahabona imigambi CNDDFDD ifise haba mu mibano n’ivya politike.

Mundirimbo zaririmbwa nimbonerakure kumunsi w’ejo humvikana amajambo yo kuzogirira nabi abatavuga ruwe n’umugambwe CNDDFDD

Hagati aho, ingoro z’umugambwe CNL utavuga rumwe na CNDDFDD zo mu Kanyosha na Gisyo zaraye zibomowe mumasahindwi y’ijoro rya 17 rishira 18/8/2019, aho hari abibazako ari imbonerakure zoba ziriko zishira mu ngiro ivyo zari zimaze imisi zigishwa.

Tubamenyeshe ko ivyo vyose bibaye hari hamaze imisi havugwa itahuka ry’abatavuga rumwe na reta bari muri CNARED ngo bazokwitabe amatora ya 2020 ariko ntibibonwe kumwe haba mubavuga canke abatavuga rumwe na reta.