Burundi : Inyuma y’ukwezi abanyagihugu atawuronse inyama y’inka, uno musi zabonetse.

 Abayangayanga bo kw’isoko nkuru y’intara ya Cankuzo bari mabaze ukwezi batabaga kubera Innocent Ntyandwi musitanteri wa Komine Cankuzo yari yabankiye kuduza igiciro kukiro c’inyama. kuri uno w’Imana igenekerezo rya 11/8/2019 bahavuye bemerwa kuduza ico giciro baca barasubira kubaga.

Igiciro c’inyama cahora ku bihumbi bitandatu (6000Fbu) ku kiro ariko abayangayanga bakaba barashatse kuduza igiciro akaba ibihumbi indwi(7000F)  ku kiro arinavyo bahavuye bemerwa bagasubira kubaga. Abanyagihugu bari basigaye bagura inyama z’impene mu bubare ndetse n’ababa bafise imisi mikuru.

Tubamenyesheko mur’iyo soko babaga inka zibiri mu munsi w’isoko.