Burundi : Imisi mikuru, imyiyerekano n’ibikorane, akaryo ko kwiyamamaza ku mugambwe CNDDFDD

Muri raporo y’ukwezi kw’umunani yasohowe n’ishirahamwe ry’abanyagihugu b’intungane, RCP kuri uyu wa kabiri igenekezezo rya 10/9/2019, ivugako muri ukwo kwezi reta y’uburundi yakoresheje ibikonane, imisi mikuru n’imyiyerekano aho kwiyamamariza amatora ya 2020 arivyo vyabonekamwo ahanini.

Iyo raporo ivugako ukwezi kw’umunani kwaranzwe n’ibikorwa bitandukanye umugambwe CNDDFDD watunganije igihugu cose. Mubikorane, amasengesho y’umuryango w’umukuru w’igihugu, ibiganiro vy’abavugizi b’inzego za reta, indwi yahariwe imbonerakure, imyiyerekano yo kwiyamiriza igihugu c’urwanda, isabukuru « igihugu » yateguwe muntumbero yo kwigisha gukundisha igihugu n’ibindi.

Iyo raporo iravuga ko hari abantu batanguye gusoma kahise k’uburundi uko bashaka bigashobora kuzotuma kahise k’uburundi kandikwa ukutariko.

Tubamenyesheko iryo shiramwe RCP ryama rrisohora raporo uko ukwezi gutashe.

Mushobora gusoma iyo raporo muciye ngaha hepfo