Amakuba abasoba bavuye muri Congo bariko barabona

Abasoda bavuye kurwana n’umuhari wa M3 mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, RDC mumusi iheze bashikiye mubusho butandukanye buri mumakambi y’igisoda ya #Muzinda, #Cibitoke, #Mujejuru hamwe n’igipolisi ca gisirikare(PM) aho bafashwe bunyamaswa mu gukubitwa ijoro n’umutaga.

Ivyo bir’uko mugihe barwanira muri RDC bambaye imyambaro z’igisoda ca  #FARDC kandi bafise ibirwanisho bidakomeye cane bagereranije n’abo barwana.
Abasoda ba #FARDC, #FDLR na #Mai_Mai bakorana bakabanka kuburyo babatana urugamba bakarwana bonyene., ari naco catumye banka kubandanya bapfira ubusa.

Amakuru dukura mu gisoda c’u #Burundi #FDNB avugako hari imyidogo myinshi muri bagenzi babo aho ubu atawuvugana n’uwundi. Akazi ngo gakorwa mugacerere kuburyo no munama habura uwubaza n’ikibazo kugutinya kubasanga iyo bapfungiwe.
Abapfunzwe baratabaza  umugwi wigenga w’agateka ka zina muntu CNIDH n’umukuru w’igihugu kubagarukirako bataricwa, babatabare.