Burundi: Lumitel yadugije ibiciro vya internet aho yashizeko n’amatagisi

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel rituruka mu gihugu ca Vietnam ryadugije ibiciro vyo kuri internet mu #Burundi kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 01 gitugutu 2023 aho rivugako hongeweko itagisi.

Kugira umuntu azoronke internet ukwezi kwose ataco yinona azoriha amafaranga 203000 mugihe ijoro rimwe ryose wikura ari 10099 FBu Ibiciro mushobora kubisanga kurubuga rwacu www.itaraburundi.com ucaguye ururimi rw’ikirundi. Imyidogo yatanguye mubakoresha umuhora wa Lumitel narirya ariyo isigaye yiganje mu Burundi inyuma ya Econet na Onamob.

Tubamenyesheko hari amashirahamwe yagiye yugarwa nka #Africell, #smart eka na #Econet ikaba isa n’iyiri munzira. Aho ni mugihe kandi amashirahamwe nka #huawei ry’abashinwa ryaheruka kuzana amafaranga n’ibikoresho vyinshi muri #ONATEL ngo banagure ibikorwa vya ONAMOB, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nawe akaba aheruka kuvugana n’abaserukira ishirahamwe #spacex ko bozana internet iturukq kuri satelitte bita #starlink . Woba ufise ico uvuga kur’aya makuru?