Burundi : Harasubiye kuba ikena ry’amakaye mu gihe hakiri abavyeri bakirungika abana k’umashure.

Mur’ino misi haravugwa ikena ry’amakaye ku masoko ryoba rituruka ku cuma bivugwako coba carapfuye mw’ihinguriro #PACOBU risanzwe riyahingura . Nk’uko tubimenyeshwa n’umwe mubahurihike mw’ishirahamwe ry’abadandaza, ngo abarangura amakaye beshi bari bizeye agahengwe kw’ihinguriro PACABU ko yokora amakaye meshi mu gihe hari ingorane zo kuronka amahera y’agaciro yo kurangurira hanze hivuye ku ngingo ya Leta yo kuburagiza abidandariza ayo mafaranga ku giciro gisanzwe.

Kuri uyu musi hakenye cane amakaye y’impapuro 100 ari nazo zironderwa cane n’abaguzi , imwe ikaba igeze kumafaranga 1400, iy’impapuro 60 ikagurwa 1200, iy’impapuro 48 ikagurwa 900. Abasanzwe bari bararanguye nyishi akaba aribo bariko baragurisha bonyene.

Twagerageje kurondera mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro ngo batubwire ingingo bariko barafata ariko abo twarondera bose baratinya kugira ico babivuzeko.