Burundi : Abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi batanguye guheba amashure kubera inzara

Abanyeshure bo muri kaminuza

Abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi baridogako baheraniwe amafaranga y’ingurane bahabwa na reta mukwiga bikaba vyatumye bamwe bicwa ninzara, abigeme bamwe bakaba babeshwaho n’ubumaraya mugihe abahungu hari abakora ubuzi butobuto abatabikoze uko badafise imiryango ibafasha bakaba bariko basubira iwabo kubwinshi, amashure barayaheba.

Abanyeshure bo muri kaminuza bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bavugako hari abamaze amezi atanu, atandatu, ndetse n’indwi bataronswa ingurane bahora baronswa na reta abatari bake bakaba bariko baraheba amashure abandi baja mungeso mbi kugira bashobore kwikenura. Ni mugihe hari abahitamwo kuja kurondera ubuzi butobuto bwobafasha kuronka amafaranga ariko bigatuma batiga neza nk’uko muvyumvise.

Batubwiyeko batangazwa cane n’ingendo y’umutegetsi w’iyo kaminuza aherutse kubesha ko bose baronkejwe ingurane mugihe hari abatarabona n’uko isa. Basaba reta y’uburundi na cane cane umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye gufata ikibazo cabo muntoke kugira reta ntizosange iriko ibigisha gukora ikibi narirya aribo bategetsi bejo.

Tubamenyesheko baronka ingurane ya 60000Fbu kukwezi kandi akaba atawemererwa kubandanya amashure yo kunonosora atarishe iyo ngurane kandiko ayo mafaranga bavugako ari intica ntikize baravye ubuzima bw’ubu bwo mubisagara.