Burundi : Amashure yose afise inyigisho z’uburundi ategerezwa gukoresha ibibazo bitegurirwa murunani n’ayandi

Umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi Dr François Havyarimana yamenyesheje ko ivyo gukora ibibazo bitegurirwa murunani rw’amashure atandukanye ari ivyasabwe na reta kandi amashure yose ategerezwa kuvyubahiriza. Yabivuze kur’uyu wa kuwa 30 ntwarante 2022 mu nama yagirishije abayobozi b’amashure yigenga. 

Munama yakoresheje abayobozi b’amashure yigenga, umushikiranganji Dr François Havyarimana  yamenyesheje ko ivyo gukoresha ibibazo bitegurirwa murunani rw’amashure yegeranye (Examen en réseaux) ari ivyasabwe na reta  kandiko n’amashure y’abigenga ategerezwa kubikoresha. Amenyeshako atabiganiro bigikenewe kur’ico.

Tubamenyesheko ico kibazo co gukoresha ibibazo bitegurirwa murunani rw’amashure cadugijwe urwamo mumezi aheze mu gihugu cose aho bamwe bavugako bitumvikanako abanyeshure boza barakora ben’ivyo bibazo baravye uko amashure amwamwe usanga ari imbere muvyigwa kurusha ayandi  ariko kandi ko ari uburyo busanzwe bukoreshwa mugupima ubumenyi bw’abanyeshure no mubindi bihugu.