#Burundi: Impuzi z’abarundi zabujijwe kudandaza

Mugihe kuva kw’igenekerezo rya 01/10/2019 amasezerano yo gutahukana impunzi kunguvu yari hagati ya reta ya Tanzaniya n’iy’uburundi yategerezwa kuja mungiro, inyuma y’ukwezi kumwe nta mpunzi icemerewe kudandaza.

«  IBARA IBARA IBARA MU MA KAMBI Y’IMPUNZI ZIRI MU GIHUGU CA TANZANIA AHO TUVUGA I NDUTA ,NYARUGUSU na MUTENDERI HASOHOTSE ITANGAZO RIVUGA KO AMASOKO YUGAWE BURUNDU ATAGISUBIYE KUGURUGWA GUHERA KUBIDANDAZWA BITIBITO GUSHIKA KURI BININI AHO NTANAKIMWE CEMEREWE GUSUBIRA MWISOKO NUKUVUGA MWAKA KANYA NDABIVUGA ABANTU BARIKO BARASOMBA IBINTU VYABO MWISOKO BATWARA MU MIHIRA YABO IMANA IGARUKIRE IMPUNZI ZIRI MU MAKAMBI Y’IGIHUGU CA TANZANIA« 

Aya niyo majambo yazindutse anyuragirana kur’ubuga ngurukanabumenyi nka Whatsapp. Twahavuye turondera kumenya ko coba ari igihuha canke gushikuza, niho twaronka itangazo ry’i kambi imwe mur’izo zadondaguye.

Ivyo bibaye mugihe ibiganiro vyahuza reta y’uburundi n’abo batavuga rumwe ataco vyavuyemwo. ubwoba bukaba butekeye impunzi ziriko zitahukanwa mugihe zo zibonako atamahoro araboneka mu Burundi.