#Burundi: Guhungura impunzi gihutihuti bihuriyehe n’amatora yo muri CNDDFDD?

Amakuru dukura mumpunzi z’abarundi hirya no hino atumenyesha ko Anicet Niyokuru, yahora muri CNARED ariko aregeranya amazina y’impunzi ngo zitahuke bitarenze kw’igenekerezo rya 9/11/2019.

« IBIMENYEAHEJWE N UBUSERUKIZI BUKURU KU BIJANYE N AMATORA YA LE 9/11 KU MITUMBA


1.NK UKO INGINGO YAFATIWE MU NAMA NKURU Y UMUGAMBWE I NGOZI KO UMURYANGO UJA MU NAMA NSHIGIRO IMWE;.VYUMVIKANE KO ATA MUGABO N UMUGORE BAZOKWITIREZA KU MITUMBA ITANDUKANYE.BOSE BITOREZA KUMUTUMBA UMWE WAHO BIYANDIKISHIRIJE MU NAMA NSHINGIRO.

2.KIRETSE IVYO MWASOMEWE KU BATAREKURIWE KWITOZA;NTA YINDI MVO N IMWE IKUMIRA ABAGUMYABANGA KWITOZA.UMUGABO N UMUKENYEZI WIWE BARAFISE UBURENGANZIRA BWO KWITOZA KU MUTUMBA UMWE .

2.NTA NTONDE ZUGAYE ZIZOSHIRWA IMBERE Y IKORANIRO NGO ZIBE ARIZO BATORAMWO ABIZIGIRWA.NI KUREKA IKORANIRO RYO NYENE RIKITORERA ABO BASHAKA KUBERA UBWIZIGIRWA BABABONAMWO.

3.MU KWIYAMAMAZA UMUNTU YEREKANA ICO YAMAZE ATAKWIGISHIRIZA KU BANDI CANKE KU BINDI VYOSE VYOTUMA HABA .ICUKA KIBI

4.NTIHAGIRE ABITIRANYA AYA MATORA NO GUSERUKIRWA K UBUCIMBIRI. NI AMATORA Y ABIZIGIRWA BO KU MUTUMBA ATA KURABA NGO BAVA HE NA HE.

5.AHO BIZOBONEKA KO HARI ABARIKO BARONONA NAHO BOBA ARI INDONGOZI IBIHANO BIRATEGEKANIJWE.

IMANA IBAHEZAGIRE. »

Dufatiye kur’iryo tangazo ririko riranyuragirana k’urubuga ngurukana rwa Whatsapp, hoba hari icinyegeje inyuma.

Mugihe abemera gutahuka bivugwako Anicet Niyonkuru abemerera gutahukanwa n’indege, vyihuta bakorewe n’impapuro z’inzira z’abategetsi(Passports Diplomatiques) twaramurondeye, tumaze kumwidondora atumenyeshako ari mu nama atazi aho iherera. Nubu turacarindiriyeko aronka umwanya, ico azotwishura mubibazo tuzomubaza tuzokibamenyesha.

Tubamenyesheko mur’iryo tangazo rigenewe abanywanyi b’ubugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD hibonekezamwo ibigiye guhinduka mu kugene amatora azogenda. Ivyurutonde rwugaye ngo bigiye guhagarara ngo basanze hari abitoreza kubandi kandi ngo n’abagore bararekuriwe kwitoza mubizigirwa nk’uko mwavyisomeye.