Abanyororo bo mwibohero rikuru rya Ngozi, mu buraruko bw’uburundi murino misi baridoga ko ibifungurwa vyabaganewe binyuruzwa n’ababarongoye babifashijwemwo n’uwurongoye iryo bohero, Alfred Franck Ngomirakiza.
Abatari bake mu banyororo barabaye ba ntahonikora gushika aho batungwa no gusega bivuye kubabarongoye bita abakabita bamwe bamwe nk’uko amakuru adushikira abivuga. Venant Havyarimana, umukabita mukuru, Aimé Nibizi, icegera ciwe hamwe na Rémy Ngabo, umukuru w’abarongoye abandi bivugwako bakorana na n’umukuru w’ibohero azwi kw’izina rya Alfred Franck Ngomanziza mugufata nk’ingwati ibiharage bigenewe abanyoyoro 400. Umunyororo wese mubavyimwe agahabwa amafaranga ibihumbi cumi(10000FBu) mu mezi ane ico bise »Gushira kuri Kibisi » mumvugo yo ngaho mw’ibohero.
Inyuma yo kwegeranya ibifungurwa, bica bijanwa ku muyobozi w’ibohero.
Urutonde rw’abahawe ayo mafaranga twababwiye rubikwa kur’uwo Ngabo Rémy n’abandi bakapita bakaba barafise umwe wese urutonde rw’abo akurikirana.
Ngabo Rémy, asanzwe afise imashine nyabwonko(ordinateur) yo mubwoko bwa laptop yo gukura amakode mumaterefone aba yibwe hanze yibohero kugira asubire kugurishwa, niwe yandika ibiribwa biba vyanyurujwe akoresheje ama kode akaba aba aho bavurira abanyororo bita muri « infirmerie » kandi atagwaye kandi ntagwaze, igitangaza abandi banyororo.
Abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Ngozi baridoga ko badafashwe nk’abantu mugihe nk’ibiremwa muntu bategerezwa kuronka ivyo umubiri wabo ukenera.