Burundi : « Ukunganisha imishahara: ururimbo rwa politike » vyarahagaze.

Kuva mumwaka wa 2012 agisha n’abandi bakozi ba reta bari biteze inganishwa ry’imishahara ariko reta ya CNDDFDD igire imare ibiringo bitatu izi ubwo busumbasumbane bw’imishahara ataco ibikozeko.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ikigega ca reta coba gihobahoba kuburyo umushikiranganji ajejwe ubutunzi n’iterambere yoba arimuguta ngo yomoke bivanye n’ibimusaba amafaranga atayahari. Ukunganisha imishahara kubakozi bose ba reta bivugwako bidashoboka mur’uyu mwaka nkako inama nshikiranganji yoba isigaje gukorana rimwe gusa muriki kiringo c’imyaka itanu imaze.

Reta ya CNDDFDD arinayo yari yemeye kunganisha imishahara mumwaka wa 2012, aho yarigeze mukiringo kigira kabiri itwara, no mukiringo ca gatatu ntiyasiba kuremesha abakozi ko umugambi wo kuganisha imishahara ubandanya gushika naho abakozi basigara babibona nk' »ururirimbo rwa politike ».

« Ico reta yakoze yaduhendesheje ico yise ajustement salarial hanyuma idutwara anales, ubu umwaka uheze ntaturusho tukironka. »

umwigisha twavuganye.

Abigisha batandukanye bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyeshako atavyo bigeze babona reta ishira mungiro ivyo yari yabemereye ko narirya hatayemwo ivy’amatora n’ikiza ca COVID19 atariho boca bavyizera, bakavugako bamaze kwumva inyishu yo kubaryosharyosha ivugako imishahara izonganishwa mumwaka w’ubutunzi wa 2020-2021.

Twobamenyeshako abigisha bidogera amasendika yabo ko yagabanije inguvu zo kubavugira inyuma yo kuja murunani COSSESSONA rurongowe n’umutegetsi wo mubushikiranganji bakukira, aho inguvu nyinshi zaciye zishirwa mugutoza intererano kurusha guharanira inyungu z’abigisha.