Burundi: Ibara ryahatswe kugwa igihe umushingamateka Agathon Rwasa yaragiye kwitwara muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Kur’uyu wa 28 rusama 2020 umukuru w’uwugambwe CNL, umsuhingamateka Agathon Rwasa yararamutse ajana ibirego vyo kwitwara kuvyavuye mumatora yo kuwa 20 rusama 2020 uwo mugamwe aserukira utashimishijwe n’ivyayavuyemwo, ibara rikaba ryahatswe kugwa bivuye kubapolisi bagerageje kuzimanganya ivyemezo abasirikare bakanka.

Umushingamateka Agathon Rwasa yari atwaye ibirego muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, bamwe mubanywanyi ba CNL baciye mw’icapiro ry’ibitabu MEX gufotoza ivyegeranyo vyavuye mumaburo ry’amatora, umukozi umwe wa MEX akaba yaciye akoma induru ngo “Bariko bafotoza ama PV” abapolisi isinzi bakaba baciye bashwabaduka. Munyuma muto haciye haza abacungera umushingamateka Agathon Rwasa impari ziba ziratanguye, ibarabara riruzura abasoda n’abapolisi.

Ifoto yafashwe yerekana uko vyari bimeze kuru MEX

Umushingamateka Agathon Rwasa akaba yaciye ajana ivyari bimaze gufotozwa muri sentare y’ubahiriza ibwirizwanshingiro aho yoba yaciye amenyeshako ibindi vyegeranyo bigifotozwa. Ababibonye bakavugako igipolisi cashize inguvu mu kuzimanganya ivyemezo vyotuma umugambwe CNL utunganirizwa mugihe wemezako ariwo watsinze amatora atatu yabereye rimwe kw’igenekerezo rya 20 rusama 2020 kandi ico gipolisi kikaba kimaze imisi gitegera abantu mumubarabara kibasaka, abafatanywe mwen’ivyo vyegeranyo vy’ivyavuye mumatora bagafatwa bagapfungwa.  

Umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI ukaba waratangaje ivyavuye mu matora ku magenekerezo ya 25-6/5/2020 aho washikirije ko umugambwe CNDDFDD ariwo watsinze amatora ndetse hakaba hari n’ibihugu bimaze gukeza Gen Mjr Evariste Ndayishimiye, Ekreziya Katorika yakurikiranye amatora nayo ikaba yaramenyesheje ko ayo matora yaranzwe n’utunenge twinshi dushobora gutuma amatora atizerwa eka n’amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike akaba yarasohoye inzandiko yiyamiriza ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu ryaranze ayo matora ndetse n’umugambwe CNL warinze uja kwitwara udahengeshanya gusohora amatangazo aho uvugako abanywanyi barenga 400 bamaze gupfungwa n’ibindi uwo mugambwe uvugako vyerekana ubusuma bw’amajwi bwateguwe.