Burundi: Uruyeri mumatora ya Musitanteri wa komine Mugamba

Mu makomine yose yo mu Burundi haraye batowe abasitanteri n’abarongoye inama mpanuzwajambo z’amakomine kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 mukakaro 2020 kiretse muri komine Mugamba iri muntara ya Bururi aho havugwa amatora yasivye kandi abari gutora bari bitavye igice.

Uwahoze ari musitanteri sa komine Mugamba Jean Claude Matunu bikavugwako yoba atabona kumwe n’abari mugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi n’igice c’abari muri UPRONA kuwotorwa kuba Musitanteri. Bikavugwako UPRONA na CNDDFDD bari bitavye gutora ariko babonye abo badasangiye ivyiyumviro batonze ari benshi ko boba baciye baja mukabare kari iruhande y’ahari kubera amatora kugira bumvikane bongere bagire imikenyuro aho kugeza isaha cumi z’umugoroba zari zitegekanijweko zari guhererako amatora bakaba batari bwumvikane.

Umukozi wa CEPI Bururi akaba yaciye asinyisha abo 20 bari binjiye ahari kubera amatora agenda abonyeko igitigiri kitakwiye casabwa ca 2/3 vy’abagize inama mpanuzwajambo kugira amatora abe.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako abagize inama mpanuzwajambo ya komine Mugamba ari 38 : Umugambwe CNL ufise 14, CNDDFDD 12, UPRONA 6 PSD DUSABIKANYE 2, Urunani Kira Burundi 2 hamwe na FRODEBU ifise 2. Murabo hakaba hari hitavye abantu 20 kuri 38 bagize iyo nama mpanuzwajambo. Igitigiri casabwa kugira inama ibe akaba ari 26.

Bikanugwanurwa ko kur’uyu wa mungu igenekerezo rya 26 mukakaro 2020 ariho hategekanijwe ayo matora. « Twibazako Matunu Jean Claude atazoguma akinisha inzego z’igihugu ngo asubire gutwara abantu mu kabere ngo ibikorwa bihagarare. » Uwo twavuganye.
Bikavugwako Godefroid Hakizimana , umukuru w’umugambwe PSD Dusabikanye yahoze ari umushikiranganji ko ariwe bivugwako amategeko yemerera kurongora amatora y’izo nzego za komine kubera imyaka arusha abandi.

Tubamenyeshoko mu higihugu cose amatora yagenze neza muri rusangi aho igishasha kitari kimenyerewe aruko amakomine menshi azotwarwa n’abakiri bato. Ikindi gishasha akaba ari ikomine ya Gitega, umurwa mukuru wa politike izotwarwa na Dr Nduwimana Jacques yahora arongoye ibitaro vy’i Gitega, abantu bakaba batangaye aho bamwe banibazako kuva kumushahara wa dogiteri ugaheba kuvura ukaja gutwara ikomine hoba hari icinyegeje inyuma kitamenyekana.