Kur’uyu wa 31 mukakaro 2020, umukuru w’igihugu Évariste Ndashimiye yaratumyeko abashingamateka baheruka gutorwa mubikorwa vyabo vya mbere bizobera mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe i Bujumbura kuva kw’igenekerezo rya 04 gushika kurya 10 myandagaro 2020.
Ikirangaminsi c’iyo nama nshingamataka mur’iyo minsi akaba ari ukwemeza itegeko nshingwabikorwa hamwe no gushirago ibiro vy’inama nshingamateka.
Tubamenyeshe ko inama nshishingamateka nshasha igizwe n’abashingamateka 100 batowe, 3 bo mubwoko bw’abatwa na 23 bo mubwoko bw’abatutsi bongewemwo kugira ubwoko buserukirwe, bose hamwe bakaba ari 126 kandi ko bafise ikiringo c’imyaka itanu.